Umukinyi nserukiragihugu wa DR Congo Lukoki yapfuye ku myaka 29

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi nserukiraghihugu wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo (RDC) Jody Lukoki, yatanguye gukina mu rwego rw'abakuze mu mugwi wa Ajax wo mu Buhorandi, yapfuye ku myaka 29.
Lukoki yarakiniye kandi imigwi ya PEC Zwole, Ludogorets yo muri Bulgarie hamwe na Yeni Malatyaspor yo muri Turkia, ubu akaba yaheruka kwinjira muri FC Twente yo mu Buhorandi.
FC Twente, mw'itangazo ku rubuga rwayo rwa internet, yavuze ko ''FC Twente yashegehswe kandi yababajwe cane n'ivyashitse.''
''FC Twente isangiye umubabaro n'abiwe kandi ubifurije kwifata cane muri ibi bihe babuze umuntu akomeye cane''.
Icatumye urupfu rwa Lukoki ntikiramenyekana.
Uwo mukinyi wo ku ruhande yari yinjiye muri FC Twente ku masezerano y'imyaka ibiri mu kwezi kwa gatandatu guheze ariko aca agira imvune ikomeye mw'ivi mu kiringo co kwitegurira umwaka mushasha w'inkino.
Amasezerano yiwe na FC Twente yahagaritswe mu kwezi kwa Ruhuhuma (ukwa 2), kubera ivyo umugwi wise ''ibintu bijanye n'ubuzima bwiwe''.
Zwolle nawo wavuze ''umubabaro n'intuntu'' inyuma y'urupfu rwa Lukoki, yinjirije igitsindo ca mbere
uwo mugwi mw'ihiganwa rya Buraya kuva wakabaho.
Ku ndwi iheze uwo mukinyi yari yashize kuri Instagram yiwe ubutumwa bw'uko yari mu cumba co kwinonora (gym) yitegurira kugaruka inyuma y'imvune.
Lukoki yinjije ibitsindo bitanu mu nkino 35 na Ajax imbere y'uko yimukira muri Zwolle mu 2014. Mu mwaka ukurikira yaciye aja muri Ludogorets aho yamaze imyaka itanu hanyuma agakina inkino 158 yinjijemwo ibitsindo 30.
Inyuma y'umwaka w'inkino wa 2020-2021 muri Turkia, yaciye asubira mu Buhorandi muri Twente.
Lukoki yaraserukiye Ubuhorandi ku rugero rw'abakiri bato ariko yatanguye kuba umukinyi nserukiragihugu wa RD Congo mu 2015.
Ubwa mu nyuma mu nkino zitatu yakiniye Leopards ariko zose ari za kivamdimwe, hari mu rukino rwazihuje na Burkina Faso mu 2020.









