Ukraine: Kubera iki uwa 9 Rusama, umusi w'intsinzi, ari umusi uzoba ukomeye kuri Russia

Insiguro ya video, Imyimenyerezo y'Abarusiya mu kwitegurira idefire y'intsinzi mu ntambara ya kabiri y'isi yose
    • Umwanditsi, Na Paul Kirby
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Vyabaye ibirori ngarukamwaka - idefire y'igisirikare ku Kibanza Gitukura (Place Rouge/Red Square) ku mugwa mukuru Moscou/Moscow no mu bindi bisagara mu Burusiya ku wa 9 Rusama (5), mu guhimbaza intsinzi ku ba Nazi b'Abadagi mu 1945.

Ku butegetsi bwa Vladimir Putin, Umusi w'Intsinzi (Victory Day) wagizwe umusi wo gushira ahabona inguvu za gisirikare, mu kwerekana abasirikare n'ibirwanisho vyabwo, ariko kandi kakaba akaryo ko kwibuka abahitanywe n'Intambara ya Kabiri y'Isi yose. Imiriyoni 27 z'Abasoviyeti nibo bahatikiriye, igitigiri kinini gushika ubu gusumba ibindi bihugu vyose.

Ibirori vy'uno mwaka, bifise iyindi nsiguro. Uburusiya bumaze amezi atari make mu ntambara n'igihugu kibanyi ca Ukraine kandi gushika ubu nta ntsinzi ya gisirikare ikomeye bwovuga ko bushobora kwishimira.

Abasirikare bagize uruhara muri ino ntambara bazodefira imbere y'intwazangabo nkuru n'umukuru w'igihugu, aho ijambo ryiwe rizosamirana mu Kibanza gitukura kandi rikurikiranwe cane kugira abantu bamenye ibigiye gukurikira. Umukuru w'igihugu c'Uburusia akunze gukoresha kenshi aka karyo kugira ngo ashikirize ubutumwa bwerekana integuro ziwe.

Ibirori vy'uyu Musi w'Intsinzi vyarahimbazwa rimwe rimwe ku ntwaro y'Abasoviyeti, bikaba vyagiye kunagurwa na Perezida Boris Yeltsin mw'ihimbazwa ry'isabukuru y'imyaka 50 mu 1995, ariko Perezida Vladimir Putin ni we yabigize ibirori ngarukamwaka kuva mu 2008, hakerekanwa ibikoresho vya gisirikare.

Umusi w'Intsinzi uri mu bintu ndangagihugu vy'Uburusiya, aho ibitabo bikoreshwa mu mashure n'ibitabo vya kahise vyibanda cane ku Burusiya nk'igihugu gitabara Ubulaya mu gihe c'intambara.

Vladimir Putin yari umushikiranganji wa mbere igihe umusi w'Intsinzi utangura gushira ahabona ibikoresho vya gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin yari umushikiranganji wa mbere igihe umusi w'Intsinzi utangura gushira ahabona ibikoresho vya gisirikare

"No mu bihe bisanzwe, ni akaryo gakomeye ko kwerekana inguvu z'Uburusiya, ubushobozi bwa Putin n'ibindi vyose ahagarariye", nk'uko bivugwa na Ammon Cheskin wo kw'ishure kaminuza ya Glasgow. "Uno mwaka rero bizoba bikomeye".

Amakuru avuga ko ashobora kuzotangaza ko ahagaritse intambara yarabeshujwe, co kimwe n'ayavuga ko azotangaza intambara yeruye canke guhamagarira Abarusiya b'abagabo kuja mu gisirikare. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov avuga ko igisirikare c'Uburusiya "kitopfa kugira ico gihinduye mu bikorwa" vyaco kubera itariki runaka gusa. Ntihabuze ikizoshikirizwa ariko atari uguhamagarira uwubishoboye wese kuja ku rugamba, ariko bizohakwa gusa n'ivyo, kubera ibintu vyinshi Uburusiya bumaze gutakaza muri iyo ntambara, ariko ivyo navyo bishobora gutuma umukuru w'igihugu atakaza icizere c'abanyagihugu.

Inyuma y'aho Uburusiya bwigaruriye Crimée/Crimea mu 2014, Vladimir Putin yamye ahimbaza Umusi w'Intsinzi n'ijambo ashikiriza ku Kibanza Gitukura ku bijanye no gutsinda ubutegetsi bw'agahotoro (fascism), imbere yo kwurira indege imushikana ku kivuko ca Sevastopol ku Nyanja Yirabura (Mer Noire/ Black Sea) guhimbaza intsinzi yiwe nshasha imbere y'ibihumbi n'ibihumbi vy'abarorerezi.

Mu 2014, Perezida Putin yahimbaje umusi wo kwigarurira Crimée mu kugendera Sevastopol ku Musi w'Intsinzi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu 2014, Perezida Putin yahimbaje umusi wo kwigarurira Crimée mu kugendera Sevastopol ku Musi w'Intsinzi

"Uno mwaka intego nyamukuru kwari ugutangaza intsinzi yari yitezwe mu kwa kabiri", niko Ernest Wyciszkiewicz wo ku kigo Centre for Polish-Russian Dialogue and Understanding avuga.

Ati: "Bariko bategura ibintu bikomeye bazokwerekana ku wa mbere: ni ngombwa ko Abarusiya babona ko igikorwa kidasanzwe ca gisirikare bagize imisi babwirwa cashitse ku kintu kiboneka".

Haguhimbaza isenyuka rya reta ya Ukraine, Kremlin izotegerezwa kwibanda kw'ifatwa rya Mariupol.

Iki gisagara gishobora gusigara ari umunyota, ariko Uburusiya bwamye buvuga ko bushaka gukuraho "intwaro y'Abanazi hamwe no gusambura igisirikare" ca Ukraine, kandi bushobora gutangaza ko bwatsinze ingabo za Ukraine zirwanira i Azov muri ico gisagara bwamye bwerekana ko ari ic'Abanazi.

Iki coba ari ikintu cumvikana ku munsi w'Intambara ya kabiri yisi yose.

"Mu bisagara vy'Uburusiya no ku migwa mikuru y'uburere, turabona ibimenyetso vy'umusi w'Intsinzi", niko Olga Irisova ari mu batanguje ikigo c'abahinga, Riddle Russia, avuga.

"Mu bisanzwe ibi bimenyetso bisanzwe vyerekana 9 Rusama ariko uno mwaka vyerekana 1945/2022, rero bariko bagerageza gushira mu banyagihugu iciyumviro c'uko bongeye gutsinda Abanazi".

A view shows a building destroyed during Ukraine-Russia conflict in the southern port city of Mariupol

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mariupol isigaye ari umunyota

I Mariupol ubwayo nta defire y'umusi w'Intsinzi izoberayo kubera bibaza ko umutekano ushobora kuba atari mwiza.

Umutegetsi w'ako karere yashizweho n'Uburusiya Denis Pushilin avuga ko iyo defire izotegerezwa kurindirizwa gushika aho Mariupol izokwegukira ico yise Repubulika ya Donetsk (République populaire de Donetsk/Donetsk People's Republic).

Hazoba ibirori bitazwi neza, n'aho bishobora kwerekanwa cane mu binyamakuru vy'Uburusiya.

Mu bikorwa vyo kwitegurira ibirobi vyo ku wa 9 Rusama, ico gisagara caragendewe n'umunyamakuru ashikiriza amakuru ya Kremlin Vladimir Solovyov hamwe n'intumwa za Kremlin zirongowe n'icegera c'umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Sergei Kiryenko.

Idefire y'Umusi w'Intsinzi ibera ku Kibanza Gitukura ni kandi ukwerekana isura nziza, hamwe kandi n'ibikoresho vya gisirikare. Ni akaryo ka Kremlin ko gushira ahabona ibirwanisho bishasha.

Mu birori nk'ibi vyo mu 2015, ikimodoka ntamenwa Armata T-14 nico cerekanywe gusumba, ariko rero cagizweko amakenga kubona kitakoreshejwe mu ntambara ya Ukraine, kubera kitari bwategurwe neza kugira ngo gishobore gukoreshwa ku rugamba. Ukraine ivuga ko imaze gusambura ibimodoka ntamenwa birenga 1000 vy'Uburusiya ku rugamba.

Hazoba hari ibirwanisho bike n'ingabo nkeya ugereranije no mu 2021. Ariko hazoshobora kuba hari ingabo 10.000 n'ubwoko bw'ibikoresho vya gisirikare 129, nk'uko biri mu mwihwezo w'umunyamakuru wa BBC mu rurimi rw'ikirusiya.

Indege zizokwerekanwa ku bwinshi nk'uko vyahora, indege na kajugujugu 77, ingabo zirwanira mu kirere zikaba zimaze igihe zikora imyimenyerezo ku Kibanza Gitukura mu kimenyetso c'urudome Z - ikimenyetso kiranga ingabo zateye Ukraine.

Izi ndege z'intambara z'Uburusiya zafashwe isanamu ziriko ziguruka hejuru ya Kremlin mu kimenyetso c'urudome Z

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Izi ndege z'intambara z'Uburusiya zafashwe isanamu ziriko ziguruka hejuru ya Kremlin mu kimenyetso c'urudome Z

Ariko nta bategetsi mvamakungu bazobaho muri uno mwaka, Kremlin ikavuga ko ari ukubera y'uko isabukuru igira 77 atari ibirori bikomeye ubwavyo.

Ariko ubutumwa hafi bwose bujanye n'Umusi w'Intsinzi buhabwa Abarusiya, nk'uko Olga Irisova abivuga. Mu gukoresha amajambo ashingiye ku ba Nazi bo mu ntambara ya kabiri y'isi yose, Kremlin iratahurwa cane kubera Abarusiya hafi bose bafise ababo baguye muri iyo ntambara canke bayirwanye.

Mu gihe ibirori bizoba mu gihugu cose mu Burusiya, iyi tariki ya 9 Rusama igenda itakaza agaciro mu bihugu bibanyi. Ukraine yarahaburiye abantu batari bake, amatohoza aheruka akerekana ko uwo musi woba ukwiye uwo kwibukirako abaguye muri iyo ntambara hakuba umusi w'intsinzi.

Ku mwaka ugira gatatu yikurikiranya, Kazakhstan yarahagaritse idefire yayo ya gisirikare, mu gihe Lettonie/Latvia nayo yawufashe nk'umusi wo kwibuka - abaguye mu ntambara y'Uburusiya muri Ukraine.

Insiguro ya video, Russia, nk’ibihugu rutura bihimbaza intsinzi um ntambara ya kabiri y’isi.