Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia yasubiriye ibitero ku ruganda rwa Mariupol, bivugwa n'intwazangabo ya Ukraine
Ibitero vyasubiriye ku ruganda rw'ivyuma rwo mu gisagara ca Mariupol, n'aho hakiri amajana n'amajana y'abasivire bakigotewe muri rwo, nk'uko bivugwa n'intwazangabo ya Ukraine.
Uruganda rwa Azovstal rwatewe hakoreshejwe "ibirwanisho vy'ubwoko bwose", nk'uko umukuru w'ingabo zijejwe gucugera igihugu, Denys Shlega, yabivuze ejo ku wa mbere.
Ku wa Mungu, abasivire bakeya bari binyegeje muri urwo ruganda, agace kamwe rudende i Mariupol kakiri mu minwe y'ingabo za Ukraine, barashoboye guhunga.
Ariko "abana batari bake bakiri bato baracari mu vyumba vyo mu kuzimu muri urwo ruganda", nk'uko bivugwa n'iyo ntwazangabo.
Yabwiye imboneshakure ya Ukraine ko urwo ruganda rumaze amayinga atari make mu mabombe y'urutavanako aterwa n'Uburusiya rwasubiriye gucucagirwa ayandi haciye akanya isase abasivire bahungishijwe bamaze kugenda.
Bamwe muri abo bantu bari bamaze amayinga atari make binyegeje muri urwo ruganda rwa Azovstal, bikavugwa ko imfungurwa, amazi n'imiti biriko birahera.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Iryna Vereshchuk, ati: "Ingene ibintu bimeze ni ikimenyetso c'uko hari ikibazo co kubaho".
Inkuru imwe y'ikinyamakuru co mu Burusiya ivuga ko abasivire barenga 500 bakizibiriwe muri urwo ruganda.
Umwe mu bashoboye kuva muri urwo ruganda agahunga, Natalya Tsyntomirska, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Twari tubaye mu kuzimu kuva ku wa 27 Ruhuhuma (2) . Ico gihe cose, twaterwa amamine, hanyuma hagakurikira ibitero vy'indege. Inzu yacu yarasambutse yose".
Uwundi mukenyezi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ko vyanse ko ashika ku mudoka yahungisha abantu kubera inzira zari zizibiye.
Ati: "Igisagara cacu kigabuwemwo kubiri: uruhande rw'ibubamfu n'urundi rw'i buryo. Uruhande rw'ibubamfu rurazibiwe rwose. Vyaranse ko dushika kuri ayo mamodoka".
Mariupol hafi yose iri mu minwe y'Uburusiya, igisagara hafi cose kikaba carasambuwe inyuma y'amayinga atari make kimaze gicucakgirwa amabombe no mw'itana mu mitwe ry'urutavanako.
Kwigarurira iki gisagara kiri ku nkengera y'inyanja biri mu ntumbero nyamukuru y'Uburusiya, mbere bamwe mu ngabo z'Uburusiya baramaze kwimurirwa i Donbas mu rugamba rukomeye rwo muri ako karere ko mu buseruko bwa Ukraine.
Hagati aho, abasirikare ba Ukraine babandanya kurwanira uru ruganda.
Ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, hari ireresi yasohotse yerekana umuriro mwinshi kuri urwo ruganda rwa Azovstal, abakoresha imbuga hwaniro bakavuga ko wari uvuye ku bibombe vy'Uburusiya.
Umwe mu bashoboye guhunga, Daniil, yabwiye BBC ati: "Mariupol yahoze ifise ikibanza ciza cane c'iruhukiro. Cari igisagara giteye imbere. Ubu vyose vyarasambutse".
Ejo ku wa mbere, umuyobozi mukuru w'urwo ruganda, Enver Tskitishvili, yabwiye BBC ko Azovstal n'uruvangatirane rw'imyobo yo mu kuzimu - ikaba ikikijwe n'amazi mu mpande zitatu - vyabaye ingome yabo y'intamenwa. Ifise ivyumba 36 vyo mu kuzimu, bimwe muri vyo bikaba bishobora kurinda igitero ca nikleyeri.
Igihe Uburusiya bwigarurira akarere ka Crimea mu bumanuko hanyuma Moscou igafata mu mugongo inyeshamba za Donbas mu 2014, reta ya Ukraine yacise isanura iyi myobo ya Azovstal.
Mu ntango z'uno mwaka, yahaye aba barwanyi ba Ukraine igicapo c'ingene iyi myobo yo mu kuzimu yubatse, ica ibaha n'amapaki y'imfungurwa angana na 40.000 ipaki imwe imwe ku muntu ku musi umwe.