France: EU ifise ubwoba kuri Le Pen imbere y'uko haba amatora agira kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, EU, basubiye ku mirimo kuri uyu wa kabiri inyuma y'akaruhuko. Ariko hakurya ku rubibe, kazoza ka EU kariko karagwanirwa mu matora y'umukuru w'igihugu w'Ubufaransa.
Umukandida wa 'Extreme-droite' (abagira ku vyiyumviro bikaze bishimangira ku migenzo ya kera), Marine Le Pen, avuga ashimitse ko ata mugambi wo mu kinyegero wa "Frexit afise".
Ariko abo batavuga rumwe bavuga ko politike yiwe ishobora kubangamira igihagararo c'Ubufaransa muri EU.
Abamushigikiye bavuga ko iryo shirahamwe ryananiwe gukura icigwa muri Brexit.
Abanyagihugu bazotora hagati ya madamu Le Pen na Prezida ahari ubu Emmanuel Macron, arongoye umugambwe La Republique En Marche (ab'ivyiyumviro biri hagati na hagati).
Le Pen arongoye umugambwe wa Rassemblement National, yagiye yinubira uko abona EU muri ayo matora.
Mu 2017, inyandiko yiwe yemera ko hazoba amatora kamarampaka yo kuguma muri EU, inyuma y'amezi atandatu y'ibiganiro vyo kugerageza guhindura uko iryo shirahamwe ryubatse.
Ariko usomye mu nyandiko yo muri uyu mwaka "22 measures for France" (Ingingo 22 ku Bufaransa), nta na hamwe avuga ataziguye EU.
Ikindi kitakirimwo n'ugukura Ubufaransa mw'ikoreshwa ry'ifaranga rimwe, Euro.
Umushikiranganji w'Ubufaransa akaba n'umuyoboke wa 'En Marche', Jean-Baptiste Lemoyne yemeza ko uko kugabanya amakari bigamije gushaka "gushikira ubutegetsi".
Yagize ati: "Ariko aracanebagura zimwe mu nkingi za EU."
Ico umuntu atoharira n'uko intsinzi ya Le Pen yotera uruhagarara mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.
Bitandukanye n'Ubwongereza, Ubufaransa buri mu bihugu vyashinze icahavuye kivamwo Ubumwe bwa Buraya kandi ubu ni co gihugu ca kabiri gitanga amahera menshi muri iryo shirahamwe.
Marine Le Pen ashaka kugabanya intererano y'Ubufaransa muri EU, yongereze amategeko yo kugenzura imbibe hanyuma agirishe amatora ya kamarampaka mu kuzibira abimukira binjiye badakurikije amategeko.

Ahavuye isanamu, EPA
Ivyo harimwo no guha ikibanza c'imbere abafaransa mu kubaronsa imfashanyo, inzu hamwe n'akazi.
Amategeko nk'aya aratandukanye n'ayagenga ukwishira n'ukwizana hamwe n'uko amategeko ya Eu aza hejuru y'ayo ibihugu.
N'ikibazo co kurondera kuba umunywanyi afise uburengenzira bwo guhitamwo ivyo ubona bikubereye, nk'uko bivugwa na Jonathan Eyal wo mu kigo c'abihweza ibintu n'ibindi Royal United Services Institute (Rusi)
Avuga ko imigambi yiwe ishobora kuganisha ku kubuza EU gukora hamwe ibindi bihugu birigize nka Pologne na Hongrie, vyokwifatanya n'Ubufaransa mu kugerageza kugabanya ububasha bw'urwego rutwara Ishirhamwe ry'Ubumwe bwa Buraya.






