Italy 0-1 North Macedonia: Giorgio Chiellini ati 'turasambuwe kandi turahonyanzwe'

Yatangajwe

Rurangiranwa mu mupira w'amaguru mu Butaliyano Giorgio Chiellini yavuze ko abo bakinana 'bacitse intege' inyuma yo gutsindwa na Macedoine ya ruguru bakananirwa kuja mu gikombe c'isi co mu 2022.

Uwo mugwi usanganywe igikombe c'ihiganwa rya Buraya ntuzitaba inkino z'igikombe c'isi ubwa kabiri wikurikiranya inyuma yo kunanirwa kuja mu zabereye mu Burusiya mu 2018.

Aleksandar Trajkovski yinjije igitego mu mwanya w'agasunuzo, yatumye haba ku ruhande rumwe umunezero ku rundi na ho amarira.

Uwo mukinyi w'inyuma wa Juventus yagize ati: "Igihengeri kinini kizoguma muri twebwe.

"Nta hantu na hamwe baturushije muri iri joro kiretse ico gitego. Twaronse amahigwe menshi, ariko ku bw'Imana mbi, ntitwashoboye kwinjiza. Hari umwikomo munini. Kuva mu kwezi kw'icenda gushika ubu, twagiye dukora amakosa, none raba aradukozeko.

"Ndishimiye uyu mugwi wakoze uko ushoboe. Nta nkeka ko twasambuwe turanahonyangwa. Nizeye ko iki gihengeri kizoduha inguvu kugira dusubire gutangura bushasha.

Umunezero ukomeye n'akababaro karenze urugero vya Mancini

Umumenyereza w'Ubutaliyano Roberto Mancini yashikanye igihugu ciwe ku munezero ukomeye i Buraya mu gutsinda Ubwongereza mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rya Buraya ryo mu 2020 mu kwezi kw'indwi, ivyashimiwe cane uwo mumenyereza umugwi wiwe utahabwa amahirwe muri iryo higanwa.

Uwo mugwi Azzuri wari wahejeje mw'itsinda ari uwa kabiri inyuma y'Ubusuwise, ugutsindwa na Macedoine ya ruguru bikaba bisigura ko uwo mugwi ufise igikombe ca Buraya ugiye kumara imyaka 12 utagaragaye mu nkino zikomeye z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru.

Mancini yagize ati: "Muri iri ci narishimye cane, ubu na ho n'akababaro gakomeye. Biragoye kuvuga.

"Ndifadikanije n'abakinyi mu mubabaro. Ni umugwi wakinye neza kandi watsindiye igikombe ca Buraya mw'ici riheze kandi babikwiye. Ndababajwe no kuba batazoja mu gikombe c'isi ku ncuro igira kabiri.

"Uwo ni wo mupira w'amaguru. Utsinzwe, utegerezwa kubabara mu gacerere, nta kintu ushobora gukora.

"Biragoye kuvuga ku rukino twateye mw'igoli incuro 40 tutinjiza, hanyuma tugatsindwa igitego ku munota wa 92. N'uko bimeze."

"Abakinyi bafise kazoza keza, barakomeye kandi bafise na kazoza mu mugwi nserukiragihugu. Ni ibihe bigoye, kandi no muri iyi misi igiye gukurikira ni ko bizoba bimeze. Ni yo mategeko y'umupira."

Abajijwe kuri kazoza kiwe, Mancini yagize ati: "Ubu haracari kare kuvuga kuri kazoza. Turacari mu kigandaro.

"Nk'umuntu, nshobora kuvuga ko nakunze aba basore uyu munsi gusumba igihe twatsinda mu kwezi kw'indwi. Akababaro ni kenshi."

Umukinyi wo hagati w'Ubutaliyano akina muri Chelsea Jorgino yemeye ko bafise uruhara ku vyavuye muri urwo rukino, avuga ati: "Birababaje cane. Ndemeza ko twakinye neza, kuko twatembereje umupira neza kandi turanabarusha gukina, ariko ntitwashoboye kwinjiza. Nta we twotako umwikomo ariko ni ko kuri.

"Mu nkino zike ziheze, ntitwashoboye kwinjiza kandi twagiye turakora amakosa yadukozeko, kuko abo twakina baronka igitego bateye mw'igoli gake. Biragoye kuko dutegerezwa kuvyakira. Ntitwashoboye gukora neza - ndabifisemwo uruhara kandi birababaje."

Umukinyi wo hagati w'Ubutaliyano Marco Verrati yongeyeko ati: "Biragoye gutegera ivyashitse, kuko birababaje cane.

Igitego cabo mu minota y'agasunuzo ni nk'indoto. Uyu mugwi wari ufise amahigwe yo kuja mu gikombe c'isi, rero biragoye gutahura ivyashitse muri iri joro. Twe turazi ko twitanze, ubu mu vy'ukuri ni igihe c'uko twibaza twebwe nyene ibibazo bimwe bimwe."

Ubutaliyano bubaye igihugu kigira kane gitwaye igikombe ca Buraya ariko kikananirwa kuja mu nkino z'igikombe c'isi, kikaba gikurikiye Tchécoslovaquie, le Danemark na Grèce.