Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igikombe c'isi 2022: DR Congo irarondera itike ya Coupe du Monde iherukamwo mu 1974
Urugendo rurerure rwo gushika mu gikombe c'isi ca 2022 ruzorangira mu minsi itanu iri imbere hamenyekanye abazoja mu bibanza bitanu vyo muri Qatar
Ibihugu cumi nivyo biri mu nkino zo gukuranamwo zizohuza imigwi ibiri ibiri, urutonde rw'ingene bizokina rukaba ruhuza bimwe mu bihangange.
Ata n'amezi indwi aheze batanye mu mitwe mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika, Misiri na Senegal vyongeye gusekana - ubu naho bigwanira ikibanza ca Qatar.
Sadio Mane yaratwaye mugenziwe bakinana muri Liverpool Mohamed Salah igikombe ca Afrika, none umwe muri abo basatirizi ntazoshika mw'ihiganwa rikomeye ry'isi mu mpera z'uyu mwaka.
Inkino za mbere ziba kuri uyu wa gatanu itariki 25 Ntwarante/Werurwe, izo gusubiza nazo inyuma y'iminsi ine.
Ku ncuro ya mbere, izo nkino za Afrika z'igikombe c'isi zizoba zirimwo bwa buhinga bwo guhagarikira urukino hakoreshejwe video (Video Assistant Referee)
Egypt v Senegal
Ivyo bihugu vyompi vyari mu gikombe c'isi giheruka mu Burusiya ariko nta na kimwe cashoboye kurengana igice ca mbere.
Senegal irondera kuja ubwa gatatu muri ico gikombe mu gihe Misiri ishitseyo bwoba bubaye ubwa kane, bukaba ni ubwa kabiri igiye yikurikiranya.
Aliou Cisse yagumanye benshi mu bakinyi bafashije Senegal gutahana igikombe ca Afrika ubwa mbere mu gihe Intambwe za Teranga zirondera gushika mu gikombe c'isi inyuma y'imyaka 16 zidashikayo kuko baherukayo ubwa nyuma mu 2018.
Umumenyereza w'aba-Pharaons Carlos Queiroz avuga ko "ata kibanza c'imbabazi canke zo kuvuga ngo hanyuma' kuri twitter.
Misiri niyo izokwakira urukino rwa mbere, Senegal nayo ikazokwakira urwa kabiri ku kibuga cayo gishasha ku wa kabiri.
Ghana v Nigeria
Bibiri mu bihugu bikomeye cane vyo muri Afrika y'uburengero bigiye guhura bigwanira ikibanza co muri Qatar, uguhura gushobora kuzomara igihe kwibukwa kubera ubukeba buri hagati y'ivyo bihugu.
Nigeria, yafashe ingingo yo kugumana Augustine Eguavoen inyuma y'igikombe ca Afrika, iriko irarondera kuja ubugira kane yikurikiranya mu gikombe c'isi, mu gihe Ghana irondera gusubirayo inyuma yo kunanirwa gushika mu Burusiya mu 2018.
Otto Addo, yagenywe kuba umumenyereza w'imfatakibanza inyuma yahoo Black Stars barangije ari aba nyuma mu mugwi wabo w'igikombe ca Afrika, aho uwahoze ari umumenyereza muri Premier League Chris Hughton aca agenwa kuba umuyobozi w'ubuhinga, inyuma y'aho Milovan Rajevac yirukaniwe.
Ghana cabaye igihugu ca gatatu co muri Afrika cashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe c'isi co mu 2010, aho yatsinzwe na Uruguay ku ma penalty, ubu ikaba irondera gushika mu gikombe c'isi ku ncuro ya kane.
Cameroon v Algeria
Ivyo bihugu vyompi ntibirasubira mu gikombe c'isi kuva ku cabereye muri Brezil mu 2014 ubu bikaba birondera kwivyukiranya inyuna y'igikombe ca Afrika.
Cameroun, n'umumenyereza wayo mushaha Rigobert Song, yatahukanye ikibanza ca gatatu kandi iriko ikinira i muhira ubu ikaba irondera gushika ku ncuro y'umunani mu gikombe c'isi- zikaba arizo ncuro nyinhsi ku gihugu co muri Afrika gushika ubu.
Algeria ntiyakije mu kugwamira igikombe ca Afrika yari yatsindiye mu 2019, aba-Fennec bakaba binjije igitsindo kimwe gusa aho bahejeje ata ntsinzi n'imwe baronse kandi bagaheza ari aba nyuma mu mugwi barimwo.
Umumenyereza Djamel Belmadi, yari yafashe uwo mugwi kuva mu kwezi kwa munani mu 2018, yari yamaze inkino 35 adatsinzwe na rimwe ariko mu buryo bwatangaje cane aza gutsindwa na Guinee Equatoriale.
Mali v Tunisia
Mali niyo ynyene muri iyo migwi itarigera ishika mu gikombe c'isi, Inkona zizokina na Tunisia mu gihe zitarenze igice ca 16 mu gikombe ca Afrika giheruka.
Ivyo bihugu vyarahuye mu gice c'imigwi muri Cameroun, Mali itsinda 1-0, ariko urwo rukino rwaratobwe n'umuhagarikizi w'umunya-Zambia Janny Sikazwe yavugije ifirimbi y'uko urukino ruheze hataragera inyuma yo gutekerwa n'ubushuhe.
Tunisia yaciye yirukana umumenyereza Mondher Kebaier inyuma yo kuviramwo mu gice ca kane gishira ica nyuma, uwamwunganira Jalel Kadri aca ashingwa uwo mugwi muri izi nkino zibiri.
Ico gihugu co muri Afrika ya ruguru kirondera gusubira mu gikombe c'isi cikurikiranya, mu giheruka mu mu Burusiya caviriyemwo mu gice ca mbere.
DR Congo v Morocco
Inyuma yo kuviramwo mu gice ca mbere mu gikombe co mu 2018, harimwo gutsindwa na Iran na Portugal hamwe no kunganya na Espagne, Maroc bakeneye gusubira mu gikombe c'isi bakomereze ku ntambwe bateye mu Burusiya.
Tuniia irondera kuronka itike ya gatandatu yo gushika mu gikombe c'isi, aho yacitaba mu 2018 ikaba yari imaze imyaka 20 idahonyozayo ikirenge.
Intare zo muri Atlas zavanywe mu gikombe ca Afrika mu gice ca 16 na Misiri, ariko abo bagiye guhura mu kugwanira ikibanza co muri Qatar bo ntibanashitse muri Cameroun.
Repurika ya Demokrasi ya Congo imaze gushika mu gikombe c'isi rimwe gusa, ico gihee yari ikitwa Zaire mu 1974 igihe yatsindwa inkino zose zitatu zo mu migwi.
Umugwi nserukiragihugu wa DR Congo (Les Leopards) niwo wanyuma ku rutonde rw'isi mu zizokwitaba izo nkino zo gukuranamwo, ufise ikibanza ca 66 kw'isi, ukaba ukina urukino rwa mbere i Kinshasa kuri uyu wa gatanu.