Zelensky arashikiriza ijambo Congress mu gihe US yamwemereye miriyoni $800m z'imfashanyo ya gisirikare

Yatangajwe

Umukuru w'igihugu wa Ukraine yitezwe kubandanya asaba ko ibihugu bigize OTAN/NATO bifasha guhagarika ibitero vy'Uburusiya mw'ijambo aja gushikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) vya Amerika abicishije ku buhinga bwa none (video link) mu masaha ari imbere.

Bishoboka cane ko prezida Volodymyr Zelensky aja gusubiramwo ivyo yasavye ko hashingwa ikirere ata ndege zirekuriwe gucamwo (no fly zone) mw'ijambo aheruka gushikiriza inama nshingamateka.

Ijambo ryiwe rije mu gihe prezida wa Amerika Joe Biden yitezwe gutangaza ayandi mafaranga angana na miriyoni 800 z'amadorari y'imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine.

Ayo mafaranga azofasha Ukraine kuronka ibisasu bisambura ibiduga ntamenwa n'ibirasa indege, nka Stingers na Javelins, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Ayo mafaranga ari mw'itegeko rigenga imfashanyo kuri Ukraine ryemejwe n'inzego zishinga amategeko ku ndwi iheze.

Ashira umukono kuri iryo tegeko ku wa kabiri, prezida Biden yavuze ko igitero c'Ubususiya kuri Ukraine cunze ubumwe mu bantu hirya no hino kw'isi.

Mu mwaka uheze, intwaro ya Biden yahaye Ukraine miriyaridi 1,2 z'amadorari aciye mu bigwanisho birimwo kajugujugu za Mi-17, ubwato bwo gukizura hamwe n'ibigwanisho bito bito birimwo ivyo gutera ama granade n'inkoho za machine guns, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru New York Times.

Prezida Zelensky amaze gusaba kenshi OTAN ko yoshinga ko ikirere ca Ukraine kizira kugicishamwo indege, ariko OTAN yaranse.

Ikirere kizira gucishamwo indege hejuru ya Ukraine coba gisigura ko OTAN yoca ihangana n'indege z'Uburusiya zigiciyemwo hanyuma ikazirasa bikenewe.

Kuwa kabiri, abashikiranganji ba mbere ba Pologne, Slovenia na Czech Republic bafashe gariyamoshi baja i Kyiv aho bahuye na prezida Volodymyr Zelensky.

Umushikiranganji wa mbere Janez Jansa wa Slovenia yabwiye abanya-Ukraine ati: "Ntabwo muri mwenyene. Intambara yanyu ni iyacu kandi hamwe tuzotsinda."

Nirwo rugendo rwa mbere rw'abategetsi ba Buraya muri Ukraine kuva Uburusiya bugavye igitero muri ico gihugu mu kwezi guheze.

Uretse ico kirere kibujijwe indege, prezida Zelensky yarasavye kandi Amerika n'ishirahamwe rya Buraya kumuha indege za Pologne za MIG-29 z'intambara, ariko ivyo vyaranswe na presida Biden kuko kwoba ari ugukwegera ibihugu vya OTAN muri iyo ntambara.

Biden yitezwe kuja Bruxelles ku ndwi iza kubonana n'abo basangiye umuryango wa OTAN yongere aje mu nama y'abategetsi b'ibishirahamwe rya Buraya.

Umukuru wa Amerika azovugana na begenziwe ba Buraya utwigoro two ''kwivuna umwansi no gutururuza," hanyuma ashimangire ukudahesha kw'igihugu ciwe mu gushigikira ibihugu vya OTAN , nk'uko bivugwa n'umunyamabanga ajejwe amakuru muri Maison Blanche, Jen Psaki.