Nairobi: Imyiyerekano inyuma y’aho umugore ahohotewe n’abamotari

Abanyakenya bo ku mugwa mukuru Nairobi bakoze imyiyerekano mu mahoro yo kwiyamiriza ihohoterwa rishingiye ku gitsina ryakorewe umugore yari mu modoka, rikorwa n'abagendesha amapikipiki yunguruza abantu (abamotari/motards).
Ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana aba bamotari bariko bakubagura uyu mukenyezi yicaye mu modoka yiwe nawe ariko arataka atabaza, ivyatumye abanyagihugu baterwa 'uburakari.
Igipolisi ca Kenya kivuga ko kimaze guhagarika abamotari 16 bagirizwa kugira uruhara muri iri kubagurwa.
Ejo kuwa mbere, umukuru w'igipolisi ca Kenya Bruno Isohi Shioso, yasohoye itangazo yiyamiriza ubu bukozi bw'ikibi bwabaye ku wa gatanu w'indwi iheze, avuga ko ari ibintu bibabaje "mu gihe amakungu ariko yitegurira umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi" uriko urahimbazwa kuri uyu wa 08 Ntwarante.
"Turiyamirije twivuye inyuma ihohotera iryo ari ryo yose, harimwo n'ihohotera rishingiye ku gitsina".
Mu ruhigi rwabaye muri iki gisata mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, igipolisi cahagaritse abamotari barenga 200 kibagiriza guhonyanga amategeko.
Abari muri iyi myiyerekano yo kuri uyu wa kabiri yatumweko n'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basaba ko ubutungane bwokora kugira ngo uyu mukenyezi atunganirizwe.
Abagirizwa nyenezina gukubagura uyu mugore bo ntibarashikirizwa intahe, n'aho hari abashika 16 bafatiwe hafi y'aho vyabereye.














