Rebecca Hogue: Umugore yiciwe umwana n'uwari umukunzi wiwe yaciriwe umunyororo w'amezi 16

Yatangajwe

Umugore yiciwe umwana wiwe w'umuhungu n'uwari umukunzi wiwe igihe yari ku kazi yaciriwe umunyororo w'amezi 16.

Mu kw'icumi na rimwe, niho Rebecca Hogue w'imyaka 29, yagirwa n'icaha c'ubwicanyi bwakorewe umwana wiwe w'umuhungu Ryder, mw'itegeko rya Aklahoma rivuga ngo "failure to protect" (Twogereranya na 'Kunanirwa no gukingira').

Umurwi w'abashikirizanza wari wategetse ko apfungwa ubuzima bwiwe bwose, ariko umucananza yagabanije ico gihano gushika ku mezi 16.

Hagati aho, azopfungwa amezi 13 kubera hari ayandi mezi yari amaze apfunzwe.

Inyuma yo gusomerwa urubanza, Hogue yavuze yari gukora ibishoboka vyose kugira ngo umwana wiwe ntapfe.

Hogue yasubiwemwo n'ikinyamakuru Norman Transcript co muri Oklahoma avuga ati: "Nari mfise umunezero udasanzwe kuba nari naronse umwana nk'urya mwiza, akomeye kandi afise amagara meza".

"Ikintu kimwe conyene kimpa amahoro ni uko uyo mugabo yakoze iri shano yapfuye. Ndazi ko umwana wanje ari mw'ijuru kandi ko [Trent yahoze ari umukunzi wanje] atari kumwe na we".

Igihe yamusomera uru rubanza, umucamanza Michael Tupper yamubwiye ko "adakwiriye gupfira mw'ibohero".

Uyu mucamanza abandanya avuga ati: "Nturi igisizimwe. Ufise agaciro kandi isi iracagukeneye".

Urubanza rwa Hogue rwarakurikiraniwe hagufi cane n'ibinyamakuru hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka k'abagore, inyuma y'aho yagirijwe icaha c'ubwicanyi mw'itegeko ritabonwa kumwe rya Oklahoma rizwi nka "failure to protect" (itegeko rihana uwananiwe no gutabara). Muri Oklahoma, abavyeyi bananirwa no gukingira abahohotera abana babo bashobora kwagirwa n'ivyaha bimwe n'uwakoze iri hohotera.

Ryder yatowe ari ikiziga ku musi mukuru w'umwaka mushasha wa 2020. Hogue - ico gihe yari yatwawe n'agatiro amaze akanya atashe mu gaturuturu avuye ku kazi kiwe k'amasaha 12 mu kabare - yikanguye asanga umwana wiwe atagihema. Umukunzi wiwe, Christopher Trent, na we yari yagiye.

Haciye imisi ine Ryder apfuye, igipolisi cagiye gutora ikiziga ca Trent mu misozi ya Wichita Mountains ayo yaboneka ko yari yiyahuye. Amajambo avuga ngo "Rebecca ni intungane" yari yanditswe ku giti cari hafi y'aho.

Icegeranyo c'amatohoza cavuze ko urupfu rwa Ryder rwaturutse kw'ihahamuka rirenze urugero, mu nyuma abashikirizamanza bakaba bavuze ko Trent yiyahuye.

Hogue yavuze ko atari azi na gato ko Trent yahohotera Ryder imbere y'uko apfa, n'aho avuga ko yari yatanguye kuza arabona udukomere duto duto atari azi ico twavako.

Ariko abashikirizamanza bobo bavuga ko Hogue yarondeye, aciye kuri telefone yiwe, amakuru ajanye n'ibimenyetso vyerekana ko umwana afise kuba akorerwa ihohotera, bakabona ko uyu mugore ashobora kuba yari azi neza ko umwana wiwe yariko arahohoterwa.

Umushingwamanza wa Hogue Andrew Casey yabwiye BBC ko umuryango wiwe "wuzuye umunezero udasanzwe wumvise urubanza yasomewe".

Ati: "Twari twaratuntuye umutima kubona uru rubanza ruteba kandi tukababazwa n'uko rutari rwajanywe muri sentare".

"Turanezerewe cane kuko vuba Rebecca azosubira mu muryango"