Amafoto ya Afrika y'indwi: Kuva itariki 4 - 10 z'ukwezi kwa kabiri

Yatangajwe

Itororokanirizo ry'amafoto meza yo hirya no hino ku mugabane wa Afrika hamwe n'ahandi:

Short presentational grey line
People wear bright costumes and hold lights.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa Mungu abantu ibihumbi n'ibihumbi bagiye mu giteramo ca Brixton Light, ibirori bitunganywa mu gisagara ca mbere kinini muri Afrika y'Epfo ca Johannesburg
A man works on a floor mosaic.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kandi kuri uwo musi muri ico gisagara nyene, umunyatugenegene ariko araheraheza igicapo kw'isoko rya Victoria Yards.
A Roman amphitheatre viewed through an arch.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatanu, ingenzi ziriko zirasamarira inyubako yo ku baromani ya Khoms, mu buraruko bwa Libye
Children with Egyptian flags painted on their cheeks gaze up at a screen.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abafana ba Misri i Cairo bafunze impemu mu rukino rutoroshe rw'igikombe ca Afrika rwariko rurahuza ico gihugu na Senegal...
Men shout, jump and smile, some take a selfie.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umugwi wa Senegal, intare za Teranga watsinze urwo rukino kuri penaliti 4 -2 utuma haba umunezero udasanzwe ku mugwa mukuru Dakar ...
A woman leans out a car window and waves the Senegalese flag.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igikombe co ku musi wa Mungu cari ica mbere gitwawe na Senegal, icatumye haba umunezero udasanzwe
Two small children look at the remains of a building, one holds an umbrella.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa kabiri abana bariko bararaba ivyononywe n'igihuhusi Batsirai muri Madagascar, aho abantu bababa 92 bapfuye kinasambura inzu zirenga 91.000
People beat out a fire with tree branches.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa mbere, abantu bazimije ibisigarira vy'umuriro wadutse muri parike ya Aberdare muri Kenya. Ntiharamenyekana icateye uwo muriro vyatwaye imisi ibiri kugira bawuzimye.
Two girls with missing milk teeth open their mouths wide as they recite in a classroom.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa mbere nyene, utwana tw'utwigeme twavuyemwo amenyo turiko turasubiramwo ikorowani mw'ishure rya Maiduguri muri Nigeria
People stand behind a cordon. They use their mobile phones as torches.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatandatu abantu bari mu gacerere mu buraruko bwa Maroc barindiriye ko abajejwe gutabara bashikira akana k'agahungu kari kaguye mu kinogo mu misi mike iheze...
Posters illustrating the boy lye next to candles.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ukurondera Rayan Oram kwakurikiranywe n'igihugu cose hamwe n'amakungu. Kubwo imana mbi, ntiyarokotse. Amabuji n'amajambo yo guhoza yarashizwe muri ico kibanza mu giteramo co ku wa mbere
Mouhamad Ghassen Nouira looks at samples of his dyed fabrics and yarn placed in a box.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Irangi ry'ivyo bitambara ryakuwe mu bifyera vyo mu kiyaga n'uwo mugabo wo muri Tunisia yabigize akazi ku wa gatandatu, akurikije ubuhinga bwatowe ubwa mbere n'aba "Pheniciens" haraciye imyaka 2000.
A worker plants flowers under the newly constructed Nairobi expressway.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku musi ukurikira muri Kenya, amashurwe yaratewe ku nkengera y'ibarabara i Nairobi ...
A man walks under the newly constructed Nairobi expressway.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Benshi barahayagije uko gutotahara - ariko imigwi y'abaharanira agateka ka zina muntu ivuga ko abantu bashika 40.000 basigaye mu bukene igihe amazu yabo yasamburwa kugira haboneke iyo nyubakwa, abaharanira ibidukikije na bo bafise amakenga ku ngaruka izogira ku bidukikije.

Amafoto yose arafise uburenganzira bwo gukoreshwa.