Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Ingoma: Reta yahagaritse abavuzi b'ingama b'umugwi Amagaba mu kiringo c'amezi atandatu
Ubushikiranganji bujejwe akarere ka Afrika y'ubuseruko, urwaruka, inkino hamwe n'akaranga bwahagaritse abatimbo b'umugwo Amagaba ikiringo c'amezi atandatu bagirizwa kuvuza ingoma bahonyanze amategeko azigenga.
Abo bavuzi b'ingama canke abatimbo bagirizwa kurenga kw'itegeko ryo ku wa 20 ukwezi kwa cumi mu 2017 rigena uko ingoma zivuzwa haba mu Burundi canke mu makungu.
Mu ngingo y'ubwo bushikiranganji bugira buti: "Twishimikije ko dutegerezwa kugikingira no kubungabunga akaranga k'Uburundi, duhagaritse mu kiringo c'amezi atandatu abavuzi b'ingoma bo mu mugwi Amagaba mu kiringo c'amezi atandatu.
"Abo batimbo bavugije bongera batamba ingoma bahonyanze akaranga k'abarundi."
Muri ico kiringo, nta muntu n'umwe wo mri abo batumbo azoba afise uburenganzira bwo kuja mu biteramo vy'akaranga canke kuja mu wundi mugwi canke abantu berekana akaranga k'abarundi.
Ku musi wa mbere itariki 7 z'ukwezi kwa kabiri mu 2022, igihe hariko harugururwa igiteramo ca Buja Sans Tabou, abavuzi b'ingoma b'wumugwi Amagaba bagaragaye bavuza ingoma bambaye amakoti n'amakaruvati.
Iyo nyifato ikaba yarateye impari ku mbuga hwaniro, aho bamwe babitera ivyatsi abandi bavuga ko ari ibisanzwe kuko imico igenda ihindagurika uko imisi igenda irahera.
Mw'itangazo Amagaba yasohoye itangazo aho bavuga ko bakiriye nkama ibihano bafatiwe.
Bagira bati: "Kubwo abatimbo b'Amagaba, turakiriye nkana igihano ubushikiranganji bwadufatiye kw'ikosa ryadushikiye ryanatirimukije abatari bake n'aho atari yo ntumbero yacu."
Inyuma y'umusi umwe igiteramo Buja Sans Tabou gitanguye, ubushikiranganji bujejwe akarere ka Afrika y'ubuseruko, inkino hamwe n'akaranga bwaciye bufata ingingo yo kugihagarika kubera ivyo vyabaye.