Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US ivuga ko yishe umukuru wa IS, Abu Ibrahim al-Qurayshi, mu gitero cakozwe muri Syria
Umukuru w'umuhari wiyita Reta ya ki-Islam (Etat Islamique mu congereza canke Islamic State, IS, mu congereza ) yiciwe mu gitero cakozwe na Amerika mu buraruko bwa Syria, igitero cahitanye kandi n'umwe mu vyegera vyiwe, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abu Ibrahim al-Hashimi al-Qurayshi yaturikije ikibombe camwishe n'umuryango wiwe igihe ingabo zidasanzwe za Amerika zamusugereza aho yari yinyegeje inyuma yo kurasana..
Perezida Joe Biden wa Amerika yamenyesheje iki gitero ejo ku wa kane.
Urupfu rwa Qurayshi "rukijije isi iterabwoba rikomeye", nk'uko Biden avuga.
Abategetsi ba Amerika ntibavuze izina ry'iki cegera ciwe na we nyene yishwe, ariko batanze insiguro zikomeye z'iki gitero cari kimaze amezi n'amezi gitegurwa.
Gushika ubu, IS ntaco iratangaza ku mugaragaro kuri aya makuru.
Abahinga batari bake babwiye BBC ko urupfu rwa Qurayshi ari akaga kuri IS, ariko ko uyu murwi ari ngombwa ko uzosubira ukiyubaka.
Iki gitero cakozwe ku nyubakwa y'igorofa zitatu yari isanzwe ituwemwo n'abantu mu micungararo y'igisagara ca Atmeh kiri mu ntara ya Idlib iri mu buraruko bwa Syria, hafi y'urubibe rwa Turukiya.
Aka karere ni ikiririmbiro ry'imirwi y'inyeshamba ziyitirira idin irya Islam ihanganye bikomeye na IS, hamwe n'iyindi mirwi y'inyeshamba ishigikiwe na Turukiya isanzwe irwanya reta ya Syria.
Amakuru yatanzwe n'igendereza yerekanye ko Qurayshi n'umuryango wiwe bari basanzwe baba mw'igorofa ya kabiri muri iyo nzu, ari naho yari ayoboreye IS akoresheje amakete mu gutanga amategeko muri Syria n'ahandi.
Uyu murwanyi karuhariwe yari asanzwe azwi kw'izina rya "the Destroyer" (twosigura ko ari umuhinga wo gusambura), Qurayshi - yamenyekanye kandi ku mazina y'intambara ya Hajji Abdullah, Amir Mohammed Said Abdul Rahman al-Mawla na Abdullah Qardash - yatanguye kurongora uyu muhari IS mu 2019, inyuma y'urupfu rw'uwo yasubiriye, Abu Bakr al-Baghdadi.
N'aho uyu muhari w'iterabwoba wagiye gutangaza ko ashikiriye uburongozi bwawo haciye imisi ine Baghdadi apfuye mu kw'icumi, Qurayshi azwi ko yari amaze igihe kirekire ategurwa kurongora uyu muhari kandi agashirwa kure y'urugamba mu kwitegurira aya mabanga.
Abategetsi ba Amerika bari bemereye impera y'imiriyoni 10 y'amadorari ya Amerika umuntu yari gutanga amakuru y'uyu mugabo yari yavukiye i Mosul muri Iraq mu 1976.
Iki gitero cagenze gute?
Mu gihe yari i Atmeh, ntiyigera ava mu nzu kiretse agiye kwoga mu bwogero bwari ku gisenge, ariko igitero c'indege cari guhitana n'izindi nzirakarengane z'abasivire - kuko hari uwundi muryango uvugwa ko ata sano wari ufitaniye na IS mbere utanazi ko Qurayshi yaba muri iyi nyubakwa, waba mu nzu yo hasi.
Abategetsi bakuru b'igihugu bavuga ko hari haciye igihe kirekire biga neza igitero co ku butaka, bakora integuro nyinshi, biga ibishobora kwononekara mu gihe hoba igitero co ku butaka. Barubatse ibigereranyo vyinshi vy'iyi nzu, abahinga nabo biga ingene vyongenda mu gihe iyi nzu yoterwa n'ikibombe.
Perezida Biden yabwiwe integuro y'iki gitero mu kwa cumi na kabiri.
Yagomoye ingabo zidasanzwe ku wa kabiri, maze akurikirana ikibiriraho ingene vyariko biragenda ari muri Maison/White House araba ingene za kajugujugu zitari nke zashika i Atmeh hafi nk'isaha zitandatu z'ijoro ku wa kane (aho hari isaha zine z'ijoro mu mahasa mpuzamakungu ku wa gatatu).
Ibinyamakuru bivuga ko izi ngabo zidasanzwe zahanganye bikomeye n'abiwe ku butaka, kandi ko zatanguye kuraswa zikiri mu kirere hakoreshejwe vya bikoho birasa indege vyari vyambitswe ku ma modoka. Amasasu n'amarokete vyarasiranye mu kiringo c'amasaha abiri imbere y'uko izi kajugujugu zisubira inyuma.
Umuvugizi wa Pentagon John Kirby avuga ko ingabo zidasanzwe za Amerika zashoboye guhungisha abantu cumi bari muri iyo nzu, harimwo abana umunani.
Mu biciwe muri ico gitero harimwo umwe mu vyegera vya Qurayshi hamwe n'umugore wiwe, aba bompi nabo nyene bakaba bararasanye n'izi ngabo zidasanzwe za Amerika.
Kirby avuga kandi ko ingabo zidasanzwe zahanganye n'akarwi gatoya k'abantu bari begereye iyo nyubakwa yariko iberamwo iyi ntambarayamaze amasaha abiri, bakaba babonetse ko "ari abansi", ivyatumye babiri muri bo bicwa.
Ati: "Ibi ni vyo ryarangije uru ruhagarara", yongerako kandi y'uko "bisa n'uko hari ho n'umwana yishwe" hafi y'aho. Hagati aho, Kirby avuga ko Amerika "itazi neza abantu bose bishwe".
Igihe iki gitero cariko kiraba, Qurayshi yaturikije ikibombe ari kw'igorofa ya gatatu y'iyi nyubakwa, kiramwica, congera cica umugore wiwe n'abana babiri. Perezida Biden avuga ko cari co "gikorwa ca nyuma c'ubuhemu".
Qurashi yahavuye amenyekana ko yishwe "hakoreshejwe ibikumu vy'intoke (empreintes digitales/fingerprints) n'ibipimo vya ADN/DNA", nk'uko Kirby abivuga.
Nta munyamerika yakomeretse canke ngo yicwe muri iki gitero. Kajugujugu imwe niyo yagize ibibazo muri ico gitero, bica biba ngombwa ko bayisambura.
Qurashi yiyishe nk'uko Abu Bakr al-Baghdadi yiyishe igihe atana mu mitwe n'ingabo za Amerika mu 2019.
Baghdadi yariyishe yongera yica n'abana batatu mu guturitsa umusipi yari yambitseko ibibombe igihe ingabo zidasanzwe za Amerika zakora igitero aho yari yinyegeje, ku birometero 16 gusa uvuye i Atmeh.
Igisata ca Syria kijejwe ubutabazi (White Helmets), kizwi kandi nka Syria Civil Defence, kivuga ko catoye ibiziga vy'abana batandatu n'abagore bane muri iyo nzu yabereyemwo ico gitero.
Perezida Biden avuga ko Abanyamerika bose bakoze ico gitero bisubiriye inyuma amahoro amarembe.
Ati: "Hajji Abdullah yari ahagarariye imirwi y'iterabwoba yagenda yiyongera kw'isi nzima inyuma yo gusasika inganda agandagura inzirakarengane", niko Biden avuga, aho yongerako y'uko ari we "yahagarariye ihonyabwoko ry'abo mu bwoko bw'aba Yazidi mu buraruko bushira uburengero bwa Iraq mu 2014".
"Twese turibuka inkuzu z'incamugongo z'ubwicanyi bw'agahomerabunwa bwatikije ibigwati bizima, ibihumbi n'ibihumbi vy'abagore n'abakobwa bakagurishwa mu bucakara, ugufata ku nguvu bikoreshwa nk'ikirwanisho co mu ntambara.
"Ku butwari bw'ingabo zacu, uyu mukuru w'umuhari w'iterabwoba ntakiriho".
Abahinga ba Amerika mu bijanye n'imigenderanire babwiye BBC ko urupfu rwa Qurayshi ruzogira ingaruka zikomeye kuri IS.
Jon Alterman wo mu kigo Center for Strategic and International Studies avuga ati: "Gutakaza indongozi ituma mbere IS iterwa n'ubwoba.
"Dushaka ko baba mu bwoba kandi dushaka ko batangura guhigana muri bo barondera abahemu. Oya barasenyuka kandi ni ibintu biryoshe".
Jomana Qaddour wo mu kigo c'abahinga, Atlantic Council na we avuga ati: "Ni ikintu ciza igihe cose tubonye umukuru wa IS yishwe. Ariko ikizwi cococ ni uko iki atari co kintu ca nyuma tubonye kuri IS".