Burundi: Abishe umwana w'umunyamwema bumvirijwe na sentare

Mu Burundi haramze kwica abanyamwema 28 kuva mu 2008
Insiguro y'isanamu, Mu Burundi haramaze kwica abanyamwema 28 kuva mu 2008
Yatangajwe

Abantu batandatu bakekwa kugira uruhara mw'iyicwa ry'umwana w'umunyamwema w'imyaka ine bumvirijwe na sentare mu Cankuzo mu buraruko bushira uburengero bw'u Burundi.

Muri abo batandatu bumvirijwe bane barekuwe vy'agateganyo babiri nabo baguma bapfunzwe, urubanza rukazosubira kwumvirizwa kuwa gatanu.

Uwo mwana yitwa Igiraneza Abdul, yakuwe mw'ibarabara aho yariko arakina n'abandi bana atwarwa n'umuntu bivugwa ko yari muri taxi.

Ikiziga ciwe caciwe amaguru n'amaboko caje gutorwa mu Cankuzo kibonywe n'umwana yariko araragira.

Amatohoza yaciye atangura ubwo nyene ari naho hafatwa abo bakekwa.

Aho yavugana na BBC, umuvugizi w'ishirahamwe ry'abanyamwema mu Burundi, Albinos Sans Frontiere, Chadrac Nahumuremyi, yavuze ko umuryango w'uwo mwana uriko uraraba ukuntu wotahukana ikiziga kigashingurwa muhira.

Bwana Nahumuremyi kandi yavuze ati: "... turababaye, turatuntuye, kiretse na twebwe, abadutahura barababaye... urumva muri rusangi turababaye. Twarabuze ingene twiyakira.

"Twovuga yuko mu mpfu zose zatubabaje, urw'uno mwana ruratubabaje gusumba. Mugabo turushiriza kwihangana niko bimeze... tunifuza kandi ko vyogabanuka kuko guhera sinibaza."

Si mu Burundi gusa havugwa ubwicanyi bw'abanyamwema, kuko no mu gihugu kibanyi ca Tanzania naho buravugwa, mbere bikavugwa ko ari ho hari isoko rinini ry'abagura ibihimba vyabo ngo babikoreshe mu bupfumu.

Ishirahamwe Abinos Sans Frontiere rivuga yuko kuva mu mwaka wa 2008, abanyamwema 28 ari bo bamaze kugandagurwa mu Burundi.