Intambara yo muri Ethiopia : Abaganga mu basaba ivyo kurya

Yatangajwe

Bamwe mu baforoma n'abaganga kuri bimwe mu bitaro vya mbere binini mu ntara ya Tigray yugarijwe n'intambara muri Ethiopia bageze aho basaba ivyo barya, nk'uko umwe mu baganga yabibwiye BBC.

Bamaze amezi umunani badahembwa, bigatuma biba ngombwa ko barondera izindi nzira z'ingene babeshaho imiryango yabo, nk'uko abivuga.

Ivyo uwo muganga abivuze mu gihe ONU ivuga ko inzara ikomeye yarushirije kwugariza abantu benshi gusumba.

Iryo shirahamwe rivuga ko abantu bashika miriyoni 2,2 "bakenye bikabije ivyo kurya".

Ica kabiri c'abagore bose bafise inda canke bonsa barwaye indwara zo kurya nabi, nk'uko biri mw'itohoza ry'ishami rya ONU riraba indya kw'isi PAM/WHO.

Muri rusangi, muri Tigray hamwe n'izindi ntara zibiri zimaze amezi mu ntambara, Amhara na Afar, abantu miriyoni icenda bakeneye imfashanyo y'ivyo kurya, nk'uko PAM ibandanya ivuga.

Ingabo za reta mpuzantara ya Ethiopia zimaze umwaka urenga zirwana n'abayigumukanye mu ntara ya Tigray iri mu buraruko kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe 2020 mu ntambara imaze kurwamwo abantu ibihumbi.

Muri ico gihe cose , intara ya Tigray ahanini irugaranywe, bigatuma bigorana gushikanayo imfashanyo hamwe n'imiti n'ibikoresho vyo kwa muganga. Banki nazo zarugawe, bisigura ko abantu badashobora gushikira amafaranga baziganije canke amafaranga yo guhemba abandi.

Abaganga n'abaforoma ntibasigaye inyuma muri ayo makuba.

Yemeye kuvuga ari uko izina ryiwe ritamenyekana, umwe mu baganga bo ku bitaro vya Ayder ku murwa mukuru wa Tigray, Mekelle, yabwiye BBC ko kubona abaganga n'abaforoma batondeye guhabwa ivyo kurya bisigaye ari ibintu bisanzwe muri aya mezi indwi iheze.

Uruhinja rwishwe no kubura ivyo kurya

Ntibarahembwa kuva mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze.

Uwo muganga yavuze ati: "Benshi baragabanuye incuro barya ku munsi. Amavuta yo guteka, imboga, intete -ibiciro vyaraduze cane ku buryo atawucibaza kubigura. Bamwe baratanguye gusaba ivyo kurya."

Yavuze kandi ingaruka z'ubukene bw'ibikoresho vyo kwa muganga ku buvuzi.

Aho gukoresha pansuma zisukuye, zikenewe cane mu guhanagura inguma n'ibisebe mu gihe n'inyuma yo gukora (kubaga), ibitaro vya Ayder vyikora ku mpuzu bihabwa n'abantu zitaburwmwo udutambara duheza tugategurwa neza hanyuma akaba aritwo dukoreshwa.

Uwo muganga yavuze kandi ko Surafeal Mearig, umwana w'amezi atatu BBC yanditseko mu minsi iheze mu nyuma yaciye apfa.

Yari yarungitswe imuhira kuko yari yatanguye kuduza ibiro ariko kubera ata vyo kurya bikwiye vyari bihari, yaciye apfa ku wa 13 Nzero ( ukwezi kwa mbere).

BBC ntishobora guhinyuza mu buryo bwigenga ibivugwa vyose n'uwo muganga kuko Tigray isanzwe ahanini yaraciriwe uburyo bwo gutumatumanako kuva intambara itanguye.

Muri iyi ndwi hari imfashanyo yatanguye gushika, ishirahamwe CICR rikaba ryarashoboye gutwara n'indege imfashanyo y'imiti i Mekelle ubwa mbere kuva muri Nyakanga (ukwezi kw'icenda).

Nta miduga ya ONU itwaye indya irashika muri Tigray kuva hagati muri Kigarama (ukwezi kwa 12), ariko PAM ivuga ko hakenewe ikamyo 100 kugira ntihabe amapfa.

ONU ivuga ko ikeneye miriyoni 337 z'amadorari yo gukoresha mu bikorwa vyayo mu buraruko bwa Ethiopia ku mezi atandatu yimirije.

Intambara ya Tigray yadutse mu 2020 igihe umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yagomora ingabo kurwanya ingabo z'iyo ntara.

Yavuze ko yabikoze kubera izo ngabo zari zateye ikambi ya gisirikare irimwo ingabo za reta muri iyo ntara. Intambara yahavuye ikomera gusumba inyuma y'amezi yo guterana amajambo hagati ya reta ya Abiy na Tigray People's Liberation Front (TPLF), umugambwe wahora utwara iyo ntara.

Muri aya mezi aheze, reta yarasubije inyuma cane umurindi abayirwanya bariko ariko intambara irabandanya hafi y'urubibe hagati ya Tigray n'intara bihana urubibe ya Afar.

Hari icizere ko ibiganiro bishobora kuba biri mu nzira.

Intumwa idasanzwe nshasha ya Amerika mu karere k'ihembe rya Afrika, David Satterfield, aherutse kugira urugendo i Addis Ababa, mu gihe umuhuza w'ishirahamwe rya Afrika, uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Nigeria, Olusegun Obasanjo, nawe aherutse kubonana n'indongozi za Tigray.