Yegereyegere "Kwa Siyoni": Abajejwe iryo soko ntibavuga rumwe n'abarikoreramwo

Abadandariza mw'isoko rya Bujumbura City Market rizwi nko kwa Siyoni barahagaritse ibikorwa vyabo kuva kuri uyu wa kabiri biyamiriza iduzwa ry'amahera yo kuriha ibibanza bakoreramwo gushika ku ncuro zibiri.
Ariko abajejwe iryo soko, bavuga yuko ukwo kuduza ibiciro kwari gukenewe uravye ibihe tugezemwo n'uburyo bwakoreshejwe mu kuvugurura isoko.
Umupfasoni umwe muri abo badandaza bavuganye na BBC atashimye kwivuga izina, avuga ko bandikiwe amakete abamenyesha ko kuva itariki 10 z'ukwezi kwa mbere 2022 amahera bahora bariha yadugijwe incuro zibiri.
Agira ati: "Batumenyesheje ko kubera ibikorwa vyakozwe muri iryo soko, ko kuva mu kwezi kwa mbere amahera twahora turiha azohinduka. Akarorero abahora bariha ibihumbi 400 ku kwezi bazoriha ibihumbi 750, abahora bariha na bo 188.800 bakazoriha 312.000. Urumva ko bagwijije incuro zibiri zirenga."
Ivyo bikorwa bivugwa vyakozwe ngo ni nko kwubaka ahahagarara imiduga, gusiga isima hasi hamwe n'amabombo (robine) azana amazi mu ntumbero yo kwikingira ikiza Covid-19.
Abadandariza muri iyo soko bavuga ko batanka ko ibiciro vyoduga, ariko bagasaba ko habanza kuba inama n'ingingo.
BBC yashoboye kuvugana n'uburongozi bw'iryo soko, uwitwa Joseph Dukundane atubwira yuko baravye igihe cari kihaciye amahera ataduzwa kandi ibintu vyarazimvye, hamwe n'ibikorwa vyo kuvugurura isoko baranguye, ngo ukwo kuduza ibiciro kwari gukenewe: Kanda ngaha wumve ico kiganiro.





