Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indyane za Tigray: Reta ya Ethiopia isaba OMS/WHO gukora amatohoza ku mukuru wayo, Dr Tedros
Reta ya Ethiopia isaba ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO gukora amatohoza ku mukuru waryo ku vyo imwagiriza ko atanga "amakuru y'ibinyoma" kandi ko afise "inyifato mbi" ku bijanye n'indyane ziri muri ico gihugu.
Reta ivuga iti: "Arisuka mu bibazo bwite vya Ethiopia, harimwo n'ibijanye n'imigenderanire yayo na Eritrea".
Igabisha kandi ko uyu munya-Ethiopia Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus ashobora guteza urubwa iri shirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi.
Muri ino ndwi, Dr Tedros yavuze ko imibereho y'abantu mu ntara ya Tigray yasinzikajwe n'intambara ari "umuriro udahera" anagiriza reta ko izibira imfashanyo z'imiti kwinjira muri iyo ntara.
Ni mu gihe reta yoyo yagiriza abayirwanya muri ako karere - inyeshamba za Tigray - ko ari bo bazibira imfashanyo.
Muri iyo ntambara imaze umwaka urenga, impande zompi ziragirizanya gutera canke kunyegeza imfashanyo ziba zirungitswe muri iyo ntara.
Si bwo bwa mbere Addis Ababa (umugwa mukuru wa Ethiopia), yidogera uyu mukuru wa OMS muri iyi ntambara ihuza reta ya Ethiopia n'inyeshamba za Tigray.
Haciye imisi mike iyi ntambara yadutse mu kwa cumi na rimwe 2020, umukuru w'ingabo za Ethiopia yaragirije Dr Tedros ko yafashije inyeshamba za Tigray kuronka ibirwanisho, ivyo yahakanye yivuye inyuma.
Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus ni umunya-Tigray mbere yabaye n'umushikiranganji w'amagara y'abantu muri reta ya Ethiopia yariho imbere y'iyihari ubu, yari irongowe n'umugambwe TPLF, ubu ukaba ari wo wiganziye intara ya Tigray.