Uruhagarara muri Kazakhstan: Kuki habaye imidugarararo n'abapfa?

Yatangajwe

Abajejwe umutekano muri Kazakhstan bavuga ko bishe abantu baharurwa mu mirongo bari mu myiyerekano mu gisagara gikuru, Almaty, kugira bahoyahoye imidugararo.

Abashika 18 mu bajejwe umutekano nabo barishwe, abandi amajana barakomereka.

Kazakhstan kiri hehe, ni igihugu kimeze gute?

Kazakhstan ni igihugu kinini, kingaha n'Uburaya bwo mu burengero bwose, kiri muri Aziya yo hagati, kigahana urubibe n'Uburusiya n'Ubushinwa.

Kigizwe ahanini n'imisozi n'isi imeze nk'iyumye, kikaba gifise abantu batarenga miriyoni 19 gusa.

Caronse intahe yo kwikukira mu 1991, igihe icahora ari Ubumwe bw'aba Soviet casambuka.

Ico gihugu gifise amwe mu mariba ya mbere manini y'ibitoro kw'isi. Cimbura miriyoni 1,6 z'utugunguru tw'ibitoro ku munsi, kikaba carakwegakweze abaja gushorayo imitahe benshi.

Ariko ubwo butunzi ntibushikira abanyagihugu basanzwe, binjiza amafaranga muri rusangi atarenga 2.500 vy'amadorari ku mwaka.

Mu kiringo c'imyaka 18, Kazakhstan yatwawe na Prezida Nursultan Nazarbayev - yahoze ari mu biro vy'umugambwe wa gi-komunista afitaniye ubucuti bukomeye n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin. Ibibumbano vya Nazarbayev vyarashinzwe hanyuma yubaka umurwa mukuru mushasha, Astana, mu nyuma wahavuye witwa Nur-Sultan, umwitiriwe.

Yavuye ku butegetsi mu 2019, abisa uwutwara igihugu ubu, Prezida Kassym-Jomart Tokayev. Imyiyerekano yo ku mugaragaro muri Kazakhstan ntiyemewe n'amategeko kiretse hatanzwe uruhusha rwa reta, iyabaye muri kahise ikaba yateshejwe hashizwemwo inguvu zikomeye.

Habaye iki muri Kazakhstan?

Imyiyerekano yatanguye itariki zibiri ukwezi kwa mbere mu gisagara ca Zhanaozen, igisagara gihingurirwamwo ibitoro kandi cigeze kubamwo imishamirano hagati y'abari mu myiyerekano n'igiporisi yahitanye abantu haraheze imyaka 10.

Imyiyerekano yaciye ikwira igihugu cose.

Abajejwe umutekano bavuga ko bishe abari mu myiyerekano muri Almaty bariko baragerageza gusubiza ibintu mu buryo. Igiporisi kivuga ko abari mu myiyerekano bagerageje gufata ibituro vy'abaporisi mu gisagara.

Mu gihugu cose havugwa abantu bashika 1.000 bakomeretse muri iyo midugararo, 400 muri abo bakaba bariko baravurwa mu bitaro aho harimwo abaharurwa muri mirongo baremvye cane.

Prezida Kassym-Jomart Tokayev yavuze ko " babandi 20,000" bateye Almaty kandi ko yabwiye abajejwe umutekano "kurasa batiriwe baragabisha".

Imidugararo yatanguye kubera iki?

Imyiyerekano yatanguye igihe reta yakuraho igiciro ntarengwa ca gaz bita LPG (liquefied petroleum gas).

Aba-Kazakhs benshi barahinduye imodoka zabo kugira bakoreshe LPG kuko yari izimbutse kurusha ibindi bitoro.

Ariko reta yavuze ko idashobora kubandanya gutanga amafaranga yo kugumiza igiciro ca LPG hasi, ingingo yayo yo kuvanaho igiciro ntarengwa ikaba yaciye ituma igiciro cigwiza hafi na kabiri.

Ariko abari muri iyo midugararo basa n'abafise ibindi bibabaje. Bamwe basemerera bavuga izina rya Nazarbayev kandi bagerageje gusenyura ikibumbano ca 'bronze' ciwe.

Amaze kuva ku butegetsi nk'umukuru w'igihugu, Nazarbayev yagumanye ikibanza gikomeye muri reta nk'umukuru w'inama ya Kazakhstan ijejwe umutekano.

Asa kandi n'uwuriko arategura umukobwa wiwe Dariga kugira azotware igihugu muri kazoza, nk'uko abaraba ibintu n'ibindi babivuga.

Kugira bahoyahoye abari mu myiyerekano, Nazarbayev yarakuwe muri ico kibanza.

Uburusiya buvyinjiramwo gute?

Abasirikare bakoroka mu ndege b'abarusiya bararungitswe muri Kazakhstan bisabwe n'umukuru w'ico gihugu kugira bafashe kugiha "itekane".

Barungitswe mu rwego rw'ishirahamwe Collective Security Treaty Organization (CSTO).

Uwo ni umugwi w'ibihugu birimwo Uburusiya, Kazakhstan, Belarus, Tajikistan, Kyrgyzstan na Armenia, washizweho igihe hasambukiye ubumwe bw'aba Soviet.

CSTO, ubu itwarwa na Armenia, yegetse uruhagarara rwo muri Almaty ku "gitero kivuye hanze c'imigwi y'ababandi bavyigiye mu mahanga".

Uburusiya burakerebuka kwongereza ingabo busanganywe muri Kazakhstan mu gukingira inyungu zabwo, zirimwo imiringoti ya gaz, amakambi ya gisirikare y'Uburusiya hamwe n'ikigo c'Uburusiya c'ibigendajuru kiri Baikonur.

Hagiye gukurikira iki?

Reta ya Kazakhstan hari ivyo iriko iraheba.

Yarisubiyeko ku ngingo yo kuvanaho igiciro ntarengwa ca gaz ya LPG - itanga itegeko ko ibiciro vy'ibitoro bikoreshwa mu modoka zose bigengwa na reta mu kiringo c'amezi atandatu.

Hari n'abashikiranganji batanze imihoho. Prezida Kassym-Jomart Tokayev yavuze ko reta yananiwe no gukora "kimwe mu vyo ijejwe - gukurikirana iduga ry'ibiciro". Prezida ubu yagenye Alikhan Smailov nk'umushikiranganji wa mbere mfatakibanza.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye abategetsi ba Kazakhstan kwerekana "ukwigumya", zivuga ko abagira imyiyerekano bategerezwa kuronka ububasha "bwo kuyikora mu mahoro".