Umuriro kuri nshingamateka ya South Africa: Uwukekwa "yari afise ibiturika"

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugabo yafashwe yagirizwa gukongereza umuriro ku nyubwaka y'inzego nshingamateka za Afrika y'Epfo mu gisagara ca Cape Town yasanzwe muri ico kibanza afise ibintu biturika, nk'uko abashikirizamanza babivuga.
Zandile Christmas Mafe, w'imyaka 49, yarengutse muri sentare yo muri ico gisagara yagirizwa ivyaha bitegekanywa n'itegeko rigenga ibiturika, Explosives Act, hamwe no guturira, kwiba no kumeza amazu.
Uwumwunganira mu mategeko yavuze ko ari umwere ku vyaha vyose.
Uwo muriro wadutse ubwa mbere ku wa Mungu, usambura uruhande rw'inama nshingamateka rwose.
Nta wakomerekeye muri uwo muriro, ariko warashegeshe igihugu.
Mafe gushika ubu niwe muntu wenyene amaze gufatwa kubera uwo muriro.
Yaje muri sentare asa n'uwutasokoje umushatsi kandi ameze nk'uwuzazaniwe, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC Nomsa Maseko ari Cape Town.
Igihe yashika imbere ya sentare yambaye ibiturura n'ishati ifunyiranye, yaciye akura agafukamunwa aca ahindukira wese nk'uwanditse umuzingi wuzuye (360 degre), aho imishwarara y'ivyuma bifata amaforo yariko iraravya.
Umuvugizi w'urwego rw'ubushikirizamanza yavuze ko Mafe ahanganye n'ivyaha bitanu:
- "Kumena amazu" ugambiriye gusahura no kwiba
- Ivyaha bibiri vyo guturira
- Kuba ufise ikintu giturika
- Gusambura inyubakwa zihambaye
Umushingwamanza wa Mafe, Luvuyo Godla, yavuze ko umuntu atariwe ariwe apfunzwe kandi ko Mafe ariko "arasenderwako"
Igiporisi kivuga ko Mafe yafatiwe muri izo nyubakwa z'inzego nshingamateka umuriro umaze kwaduka, ariko umushingwamanza wiwe avuga ko hapfunzwe uwutari we.
Urubanza rwabaye rwigijwe inyuma iminsi indwi kugira igiporisi kironke umwanya wo kubandanya amatohoza.
Abazimya imiriro bavuga ko ubu bashoboye kuzimya uwo muriro wari wasubiye kwaka ku wa mbere.
Umuyaga mwinshi niwo watumye ibiti vy'igisenge vyari bigifumba bisubira kwaka.
Video yerekana umuriro wo ku wa mbere yashizwe ku rubuga rw'inama nshingamateka.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa

Ku wa Mungu, Perezida Cyril Ramaphosa yaremeje ko ubuhinga bwo kugabisha butakoze neza, ashimira abajejwe kurwanya imiriro y'ivyaduka kubona barabangutse bagashobora guhangana n'iri "sanganya rikomeye kandi riteye ubwoba" mu kiringo c'iminota.
Umushikiranganji w'bikorwa vya reta Patricia de Lille na we yavuze ko kamera z'inderetsi (CCTV) zitariko zirakurikiranwa igihe umucanwa waduka ubwa mbere.
Umupfasoni de Lille yavuze ko umuriro wo ku wa Mungu watumye uruhande rw'inama nshingamateka "rusha rugatokombera". Ibindi bice vy'iyo nyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka na nkenguzamateka - bimwe muri vyo vyubatswe mu 1884 - navyo nyene vyarononekaye.
Iyi nyubakwa isanzwe ibitse ibihumbi n'ibihumbi vy'umutungo wo muri kahise harimwo ibitabo, amasanamu n'ibibumbano bikomeye vyo muri kahise, abategetsi bavuga ko vyashoboye kurokoka.
Abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka bavuga ko "hazokorwa ibishoboka vyose" kugira ngo ibikorwa vyazo ntibihungabane cane, ariko vyitezwe ko bizofata amezi atari make kugira ngo iyo nyubakwa isubire gukora.
Umukuru w'igisagara wa Cape Town Geordin Hill-Lewis avuga ko ingoro y'iki gisagara izoba irakoreshejwe mu manama y'inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ni umuriro ugize kabiri mu kiringo c'umwaka. Mu kwa gatatu kw'umwaka uheze, haradutse umuriro uvuye ku ngorane z'umuyagankuba.










