Kompanyi rutura z'ama terefone muri US zasibije gutanguza 5G

Yatangajwe

Bibiri mu bihangange vy'amaterefone muri Amerika vyemeye ubusabe bwa reta bwo gusivya itanguzwa ry'ubuhinga bwa nyuma bugezweho bw'imirongo ya terefone 5G ryobaye muri iyi ndwi.

Umunyabanga ajejwe gutwara abantu n'ibintu muri reta ya Amerika Pete Buttigieg hamwe n'urwego rw'igihugu rujejwe indege (FAA) basavye ko iryo tanguzwa ryoba rirasivye kubera amakenga ku mutekano w'indege.

Abakora indege bagabishije ko imishwarara idaciye mu ntsinga ya 5G ishobora kwivanga n'imishwarara y'ivyuma nkoramutima vya electronic vyo mu ndege gutyo bigashobora guhungabanya ingendo z'indege.

AT&T na Verizon ubwa mbere bari banse kwemera ivyo basabwe vyo gusivya iryo tanguzwa, ariko mu nyuma bisubirako.

Abategetsi b'izo kompanyi ku wa Mungu bari banse gusubira gusivya urwo rubanza ubugira kabiri, mu gihe bari barabangiriye ku migambi yabo kuva mu mwaka uheze.

Bari banavuze ko bofasha kworosha ibintu mu micungararo y'ibibuga vy'indege vya Amerika mu kiringo c'amezi atandatu nk'ingingo mfatakibanza yo kwiyubara, nk'uko hakozwe ibisa n'ivyo mu Bufaransa.

Abakora mu gisata c'indege hamwe na FAA bashikirije amakenga ko imishwarara ya 5G ishobora guhungabanya ivyuma vyo mu ndege nk'ipima aho indege zgeze mu kirere (radio altitude meters).

Mu kwezi guheze, abategetsi b'ama kompanyi abiri ya rutura mu gukora indege, Airbus na Boeing, bituye Buttigieg bavuga ko "ihungabanya ritewe na 5G rishobora kugira ingaruka ku gutwara indege mu mutekano".

Ikete ryabo ryashingiye ku bushakashatsi bwakozwe na Airlines for Amerika, umugwi w'ubudandaji watoye ko iyo amategeko ya FAA yari kuba yagiye mu ngiro kuva mu 2019, indege zishika 345.000 zitwara abantu na 5.400 zitwara imizigo zari gucererwa, guhushishwa inzira canke gufutwa.

Izo kompanyi zompi zamenyesheje ku wa mbere ko zemeye qugusivya iryo tanguzwa mu kiringo c'indwi zibiri.

Umuvugizi wa AT&T yavuze ko bemeye ubwo busabe bwa Buttigieg, ariko avuga mw'itangazo ko "tuzi ko umutekano w'indege na 5G bishobora kugendana kandi turizeye ko kubandanya dukorana twongera turaba aho ubuhinga bugeze bizotorera inyishu ibibazo vyose vyoba bihari".

Mw'itangazo FAA bashimiye izo kompanyi kuba zemeye gutevya iryo tanguzwa.

Bongoyeko bati: "Twizeye gukoresha uwo mwanya wiyongeyeko kugira tugabanye ivyohugangabanya ingendo z'indege biturutse kw'ikoreshwa rya 5G".

5G uzoba ari umurongo w'umuvuduko unyaruka incuro 10 gushika 100 z'uwari uhasanzwe. Bisigura ko ushobora kwugurura film y'amasaha menshi mu masekunda make gusa.

Ariko iyo mishwarara ya 5G ntishobora guca mu mpome canke mu mvura.

Mu gutorera inyishu ico kibazo, 5G izokenera ko hashingwa iminara yayo mito mito yegeranye kandi myinshi.

Inyishu zinyaruka kubera 5G zishobora kuzotuma hashokoka ubuhinga bw'imiduga yigendesha.