South Africa yashinguranye iteka Musenyeri Desmond Tutu

Ahavuye isanamu, Reuters
Abanya Afrika y'Epfo biriwe mu birori vyo gushingura wa musenyeri Desmond Tutu yarwanije intwaro y'ivanguramoko ya Afrika y'Epfo, ibirori vyabereye mw'isengero nkuru ya Anglican i Cape Town.
Tutu, yagize uruhara rukomeye mu kurangiza intwaro y'ivanguramoko muri Afrika y'Epfo akanahabwa agashimwe kitiriwe Nobel, yapfuye ku wa Mungu afise imyaka 90.
Perezida Ramaphosa wa Afrika y'Epfo ni we yashikirije ijambo rikuru muri ibi birori vyo gushingura uyu musenyeri kuri uyu wa gatandatu, ibirori vyari vyitabiriwe n'abantu 100 gusa kubera amategeko yo kurwanya ikiza ca coronavirus.
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Ramaphosa yavuze ko Tutu ari "umuvyeyi w'imitima w'igihugu cacu gishasha".
Kuva yitavye Imana ku wa Mungu uheze, ibihumbi n'ibihumbi baragiye kumwunamira kw'isengero St George's Cathedral, aho ikiziga ciwe cari.
Tutu ni umwe mu bantu bakomeye barwanije cane intwaro y'amacakubiri n'ivanguramoko yashizweho n'inkehwa z'abazungu mw'ikubagurwa bakoreye nyarwinshi b'abirabure, kuva mu 1948 gushika mu 1991.
Perezida Ramaphosa yavuze ko Tutu yari "umurwanyi mu rugamba rwo kurwanira ubwigenge, ubutungane, amahoro n'uburenganzira kuri bose. Atari muri Afrika y'Epfo honyene...ariko kandi no kw'isi yose".
Ati: "Niba dushaka kumenya akarorero k'umuntu w'igihagararo kidasanzwe, w'imico idasanzwe kandi yitaho abantu, nta nkeka ko ari uyu mugabo turiko turashingura uyu musi".
Mu bitabiriye ibi birori kw'ishengero rikuru rya Cape Town harimwo abagenzi, umuryango, abarongoye ishengero n'abanyaporitike. Tutu yari yasavye ashimitse ko mu kumushingura hatoba "ugusesagura canke gukoresha uburyo buhanitse", kandi bagakoresha "isandugu izimbutse ishoboka".
Yasavye kandi ko amashurwe yonyene yoba ari mw'isengero yoba "urugori rw'amashure rw'umuryango wiwe", nk'uko bivugwa n'ibigo Archbishop Tutu IP Trust hamwe na Desmond and Leah Tutu Legacy Foundation.

Ahavuye isanamu, EPA
Vyitezwe ko ibisigarira vyiwe bihambwa inyuma ya arutari mw'isengero nkuru St George's Cathedral - isengero nkuru yamaze imyaka 35 arongoye.
Mu butumwa yatanze mu buryo bwa videwo, Musenyeri mukuru wa Canterbury yasiguye ingene Tutu "yamurikiye isi yose". Avuga ko icubahiro yahaye Tutu ari nk ' "imbeba yunamira inzovu".
Umukobwa wa Tutu Mpho yavuze ko urukundo berekanye kuri se wiwe "rwatsimbataje imitima yabo".
Ati: "Kubera twamusangiye n'isi, namwe muradusangije igice c'urukundo mwari mumufitiye".
Igihe ikiziga ciwe cashirwa ahagaragara muri Cape Town, abantu benshi baraje kumusezera ubwa nyuma.
Umugabo umwe, Wally Mdluli, yagenze ibirometero birengo 1000 kuva Bloemfontein gushika Cape Town agenda arasaba ko bamwunguruza kuri gusa (lift) - aca mu ncuti n'abagenzi asaba ko bomufasha kugira ashobore gukora urugendo rwiwe, mbere akaryama muri station y'igitoro igihe yari ku rugendo.
Yabwiye umunyamakuru wa BBC i Cape Tow ati: "Numva nuzuye umunezero inyuma y'aho mboneye isandugu y'ikiziga. Ni nk'uko umengo umutima wiwe uri muri jewe".
Tutu yarakoresheje igihagararo ciwe mu kwiyamiriza agahotoro kakorerwa abirabure mu gihugu ciwe, akama avuga ko yabikora kubw'ukwemera atari ku mvo za poritike.









