Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Desmond Tutu: South Africa yatanguye ikigandaro c'indwi mu kwibuka iyi ntwari yarwanije apartheid
Afrika y'Epfo igiye kumara indwi yose iri mu bikorwa bitandukanye bibuka urupfu rw'uwarwanije intwaro y'ivanguramoko ya apartheid, Musenyeri Desmond Tutu, yaraye ashengeye ku myaka 90.
Mu nteguro z'iki kigandaro (canke icyunamo), ikiziga ciwe kizomara imisi ibiri kiri ahagaragara imbere y'uko haba ibirori vyo kumushingura bitegekanijwe ku wa 01 z'ukwa mbere 2022 i Cape Town.
Abategetsi batari bake kw'isi bashikirije ubutumwa bw'icubahiro, harimwo Umwamikazi Elizabeth II, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Papa Francis.
Tutu yari umwe mu bantu bazwi cane mu gihugu hagati no mu makungu.
Perezida Cyril Ramaphosa yasohoye itangazo aho avuga ko Tutu yafashije "kubohoza Afrika y'Epfo".
Mu runganwe rwa Nelson Mandela, Tutu yahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel mu 1984 kubera uruhara yagize mu kurwanya ubutegetsi bw'ivanguramoko bwa apartheid bwari bwashinzwe n'inkehwa z'abazungu mu guhonyora ku gakanu abirabure ari nabo nyamwinshi mu gihugu, kuva mu 1948 gushika 1991.
Ejo ku wa Mungu, abanya-Afrika y'Epfo b'imice yose barashitse kw'isengero nkuru ya Cape Town (Cape Town's St George's Cathedral) bashiraho amashurwe bunamira iyi ntwari y'igihugu.
Akorora amosozi mu gihe yari mu kigandaro, Brent Goliath yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Ivyo yakoze birarengeye kwitwa umu-Anglican gusa".
"Nakoroye amosozi mu gitondo numvise urupfu rwiwe. Ndashimiria Imana kubona yari yaramuduhaye", niko Goliath avuga, anongerako y'uko yabonanye na Tutu incuro nyinshi.
Abategetsi batari bake b'isi bashikirije ubutumwa bwo kwibuka iyi ntwari.
Perezida Biden avuga ko yababaye cane yumvise "urupfu rw'uwitangiye Imana n'abantu", yongera ko ati "iragi rya Tutu rirengeye imbibe kandi rizokwama ryibukwa imyaka yose".
Uwahoze arongoye Amerika Barack Obama nawe avuga ko Tutu yamubereye "umuhanuzi, umugenzi n'umwigisha".
Mu butumwa bwiwe bwo guhoza, Umwamikazi Elizabeth II avuga ko azirikana n'umutima wiwe incuro yahuye nawe, igishika n'uburwaneza vyiwe.
"Urupfu rwa Musenyeri Tutu ruzokorako abanyagihugu ba Afrika y'Epfo hamwe n'abatari bake mu Bwongereza, Irlande ya ruguru hamwe no muri Commonwealth yose, aho abatari bake bari bamufitiye urukundo n'icubahiro kidasanzwe".
Itangazo rya Vaticano rivuga ko Papa Francis yahojeje "cane umuryango n'incuti ziwe".
"Twibutse ubutumwa bwiza yatanga abicishije mu guhimiriza uburinganire n'ugusubiza hamwe hagati y'abadasangiye amoko muri Afrika y'Epfo, ubweranda bwiwe bushikane umutima wiwe ku mbabazi z'urukundo rw'Imana mushoboravyose".
Urupfu rwa Tutu ruje haciye indwi nkeya umuzungu wa nyuma yarongoye ico gihugu muri butegetsi bwa apartheid, Frederik Willem de Klerk, asandavye ku myaka 85.