Ghana: Abashingamateka barwanye bapfa ikori ku mahera aca ku materefone ngendanwa

Ahavuye isanamu, Ghana parliament
- Umwanditsi, Na Thomas Naadi
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Ghana
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Hadutse imishamirano mu nama nshingamateka ya Ghana mw'ijoro ryo kuwa mbere buca ari ku wa kabiri igihe abashingamateka bariko biga ikori ryotangwa ku mafaranga acishwa ku materefone ngendanwa.
Abashingamateka barateranye inkokora, barasunagurana, bahana amangumi, mu gihe abandi nabo bagerageza kubanguranya.
Iyi mishamirano yadutse igihe abashingamateka bo ku ruhande rutavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi bahaguruka bakaja kubuza icegera c'umukuru w'inama nshingamateka Joseph Osei Owusu ko ahaguruka ngo aje gutora, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Niwe yari arongoye ino nama yahavuye yunguruzwa kubera uru ruhagarara.
Umugambwe National Democratic Congress (NDC) utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi uriyamiriza iri kori ringana na 1.75% ku mafaranga acishwa ku materefone ngendanwa, harimwo no kuriha ibicuruzwa ukoresheje terefone ngendanwa.
Uyu mugambwe uvuga ko iri kori rizohohotera abadafise amikoro manini hamwe n'abo bose bari hanze y'igisata c'amabanki.
Ariko umushikiranganji w'ikigega ca reta Ken Ofori-Artta avuga ko ari ukwagura igisata c'abatangakori, agasigura ko mu mwaka uza igihugu gishobora kuhungukira imiriyaridi 6.9 z'amafaranga y'ama cedi akoreshwa muri Ghana (yababa hafi imiriyaridi 1.15 y'amadorari y'abanyamerika).
Iri koraniro ry'inama nshingamateka ryatanguye ku wa mbere mu gatondo, rikaba ryagiye guhagarikwa inyuma y'isaha zitandatu z'ijoro (canke saa sita z'ijoro), nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Graphic co muri ico gihugu.
Iki kinyamakuru cacishije ku rubuga rwa Twitter iyi reresi y'uru ruhagarara.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.
Abanya-Ghana batari bake bagaye iyi nyifato y'abashingamateka babo, bakavuga ko bategerezwa kubera akarorero keza abandi - hakwifata nk'abana.
Ijwi ry'icegera c'umukuru w'inama nshingamateka ryaboneka ko ari kirumara mu gihe inama nshingamateka yacanyemwo bikomeye kubera integuro y'iri kori. Ava mu mugambwe uri ku butegetsi New Patriotic Party (NPP).
Umugambwe NDC uvuga ko atategerezwa gutora kubera yari arongoye inama.
Ikinyamakuru Graphic kivuga ko integuro y'tegeko rigenga iri kori yemejwe n'umurwi w'inama nshingamateka ujejwe ikigega, ku majwi 13 kuri 12, ariko ni inyuma y'aho umukuru w'uyu murwi atangiye ijwi ryiwe ryabanguranije.
Inama nshingamateka yasubiye gukorana kandi ejo ku wa kabiri, ariko abashingamateka ntibatoye iri tegeko inyuma y'aho bumvikaniye ko inama yungururizwa mu kwa mbere.
Poritike ya Ghana irangwamwo ukutumvikana kuva mu mwaka uheze, inyuma y'amatora aho imigambwe NDC na NPP yaronse intebe 137 umwe umwe.
Intebe imwe ni iy'uwigenga, yagiye ku ruhande rwa NPP, agatuma uwu mugambwe uronka akarusho.
Mu kwa mbere, abasirikare barinjiye mu nama nshingamateka kugira bahagarike imishamirano hagati y'abashingamateka yadutse bagomba gutora umukuru w'inama nshingamateka. Ico gihe, Alban Bagbin wa NDC niwe yatowe inyuma y'aho bamwe mu bashingamateka ba NPP bamuhereye amajwi bakayima uwo mu mugambwe wabo, Mike Oquaye.
Bagbin ntiyari muri iyi nama yo kuwa mbere yadutsemwo uru ruhagarara, ari co gituma yaciye irongorwa na Owusu wo muri NPP.









