Covid-19: umushikiranganji wa mbere wa France avuga ko Omicron igenda nk'umuravyo

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubwoko bushasha bwa Covid-19, buzwi kw'izina rya Omicron buriko "burakwiragira ku muvuduko w'umuravyo" i Bulaya, kandi buboneka ko ari bwo bugiye kwiganza mu Bufaransa gushika mu ntango z'umwaka uza, nk'uko umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa Jean Castex agabisha.
Aya majambo yayashikirije ku wa gatanu hasigaye amasaha makeya ngo Ubufaransa bufate ingingo zo kuzibira ingenzi zinjira zivuye mu Bwongereza.
Gushika ubu, Ubwongereza nico gihugu ca mbere kibangamiwe gusumba ibindi mu karere, aho ejo ku wa gatandatu, abashika hafi 25.000 ari bo bamenyekanye ko banduye Omicron.
Ku mugabane wose, abajejwe amagara y'abantu bahanganye bikomeye n'igihuhusi c'abandura ku bwinshi.
Ingingo zindi ziramaze gufatwa mu Budagi, muri Irlande no mu Buholande, mu gihe abategetsi b'ibi bihugu bariko bita ku rutare ngo bahagarike iki kiza.
Abarenga imiriyoni 89 nibo bamaze kumenyekana ko banduye Covid-19 i Bulaya nayo imiriyoni 1.5 bakaba bamaze guhitanwa n'iki kiza, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vya vuba i Bulaya.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Ubudagi Karl Lauterbach yabwiye abanyamakuru ko igihugu "gitegerezwa kwitegura guhangana n'ikiza tutari bwigere duhura", mu gihe igisata c'amagara y'abantu camaze kumenyesha ko Ubufaransa, Norvège na Danemark ari "ibihugu bibangamiwe cane" kubera ibitigiri vy'abandura bigenda vyiyongera cane muri vyo.
Ejo ku wa gatandatu, abashikiranganji bajejwe amagara y'abantu ku rwego rw'uturere basavye reta ya Berlin gufata ingingo ruhasha ku binjira bavuye mu Bwongereza kubera ibitigiri vy'umurengera vy'abandura Omicron muri iki gihugu.
Ubwongereza bwatangaje ibitigiri binini gusumba vy'abandura Covid ku musi ugira gatatu bwikurikiranya - aho abarenga 93.000 banduye - abenshi muri bo bakaba banduye Omicron.
Ku wa gatanu, Ubufaransa bwarugaye imbibe zabwo ku ngenzi ziva mu Bwongereza.
Si co gihugu conyene kiriko kirafata ingingo ruhasha zo kuzibira. Mu ntango z'ino ndwi turiko turangiza, Ubutaliyano, Ubugiriki na Portugal vyatangaje ko ingenzi ziva mu bihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya zishitse zitegerezwa kwerekana ibipimo vyerekana ko batanduye - baba mbere n'abakingiwe.
Mw'ijambo yashikirije imbere y'uko izi ngingo nshasha zitangura gushirwa mu ngiro, umushikiranganji Castex yavuze ko izi ngingo zerekeye ingenzi ziri mu zindi nyinshi zafashwe mu ntumbero yo guhagarika iki kiza.
Zimwe muri zo harimwo kugabanya umwanya uri hagati y'urucanco rwa kabiri n'urwa gatatu, gutegeka amazu y'uburiro ko abinjira muri yo bategerezwa kuba baricandagishije mu buryo bwuzuye, hamwe no gutandukana mu modoka zunguruza abantu.
Vyongeye, ibirori vyose bijanye no guhimbaza umwaka mushasha vyarahagaritswe.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu avuga kandi ko reta igiye gutangaza ingingo nshasha mu mwaka uza ku bagihigimanga kwicandagisha, akavuga ko ari ibintu "bidashobora kwihanganirwa ko imiriyoni nkeya z'Abafaransa banka kwicandagisha bata ubuzima bw'igihugu cose mu kaga".
Ejo ku wa gatandatu, umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Ubufaransa Olivier Veran yavuze ko gushika kuri 10% vy'abanduye mu gihugu banduye ubu bwoko bwa Omicron.
Nk'uko ibiharuro bitangwa n'ikigo kijejwe kurwanya coronavirus muri ico gihugu kivyerekana, Ubufaransa bufise urugero rw'abandi bashasha bandura barenga 48.000 ku musi.
Hagati aho, mu Buholande, abahinga mu vyo amagara y'abantu bavuga ko igihugu ari ngombwa ko gifata ingingo "ruhasha" za guma mu rugo, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Umushikiranganji wa mbere Mark Rutte avuga ko Omicron ari bwo bwoko bushobora kuba bwiganje mu gihugu gushika mu kwa mbere, nk'uko bimeze mu Bufaransa.
Kuva mu mpera z'ukwa cumi na rimwe, ububare, amazu y'uburiro hamwe kandi n'amaduka hafi yose vyategetswe kwugara gushika isaha cumi n'imwe z'umugoroba gushika isaha cumi n'imwe z'agatondo. Iyi ngingo yategerezwa gukurikizwa gushika imbere ya Noweli/Noheli, ariko ikazotegerezwa kubandanya gushika ku wa 14 z'ukwa mbere.
Igisata c'ingenzi muri Irlande kivuga ko kibabajwe n'amategeko mashasha agiye gushirwa mu ngiro kuva ku wa mbere avuga ko ububare, amazu y'uburiro, amazu y'ibikino na za sinema, vyose bizotegerezwa kwugara isaha zine z'ijoro.
Iyi ngingo iranegurwa na bamwe mu banyaporitike barongoye igihugu, bakavuga ko aya mabwirizwa mashasha ashobora gutuma haduka amakoraniro abera mu mihana y'abantu.
Ibigo vyo kwinonora imitsi bitegerezwa kwakira 50%, ibibuga navyo vyakire abatarenga 5000. Ibirori vy'ubugeni ntibizorenga isaha zitandatu z'ijoro - bikazotegerezwa kwitabirwa n'abatarenga 100.










