Omicron - USA: Biden yakajije ingingo z'ingendo kubera abagwayi bashasha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Joe Biden yashize ahabona ingingo zikaze zishasha ku ngendo mu ntumbero yo kugwanya Covid-19 mu gihe Amerika yemeza ko hariho abantu bari ku rushi banduye ubwoko bushasha bwa Omicron mu gihugu cose.
Kuva mu ndwi iza, abantu bavuye mu bindi bihugu baja muri Amerika, harimwo n'abanyamerika, bategerezwa kwipimisha Covid umusi umwe imbere yo gufata urugendo, n'aho boba bararonse urucanco.
Abaheruka gukira bashobora kwerekana "icemeza ko bakize".
Kwambara agapfukamunwa mu ndege, mw'igariyamoshi n'imodoka rusangi zunguruza abantu bizobandanya gushika hagati mu kwezi kwa gatatu.
Incanco imiliyoni n'imiliyoni zitangirwa muhira kandi zirihwa n'amazu y'ubwishingizi zizobandanya kuboneka.
Abantu cumi banduye Omicron baragaragaye muri Amerika: California, Colorado, Minnesota, New York, no muri Hawai aho abategetsi bavuga ko uwo muntu yayitowe ata rugendo yari aherutse kugira.
Abajejwe amagara y'abantu muri ico gihugu bamenyesheje ko babonye ibimenyetso bidahambaye cane kuri abo bagwayi.
Ubwo bwoko bushasha bwa corona gushika ubu bumaze gutorwa mu bihugu 30 nk'uko vyandikwa mu cegeranyo.
Ntibiramenyekana nimba Omicron, ubwoko bwa corona bwihinduye cane, bwoba bwandukira cane canke ko bushobora kuba butumva urucanco.
Amerika iriko irahimiriza abantu bakuze bose kwongera gufata urucanco kugira rwongerereze inguvu umubiri, mu gihe hari imburi ko abazokwandura uwo mugera wa Covid bazokwongerekana muri iki gihe c'ubukonje (winter/hiver).
Mu gisata c'amagara y'abantu i Maryland, Biden yavuze ati: "Tugiye kugwanya ubu bwoko bushasha dukoresheje ubuhinga n'ukwihuta, nta kajagari no guta umutwe."
Yaheruka gusubiramwo kwemeza ko uwo mugambi "utarimwo gusubira kwugaranwa".
Abanyamerika barenga imiliyoni 40 baramaze kwongerwa urucanco rwongerereza inguvu umubiri, ariko abashika hafi imiliyoni ijana bandi barashobora kuruhabwa nk'uko bivugwa na prezida.
Ibigo vyo gucandagiramwo imiryango amajana n'amajana bizoshirwaho mu gihugu cose mu kugerageza kwongereza igitigiri c'abicandagisha mu bana n'urwaruka.
Abategetsi bavuga ko amazu y'ubwishingizi ashobora gutegekwa gusubiza abakiriya babo bashika imiliyoni 150 incanco baguze baronkeye muhira, kandi ko incanco imiliyoni 50 zishobora gutangwa ku buntu ku bantu batagira ubwishingizi biciye mu mavuriro n'ibitaro vyo hagati mu gihugu.
Hagati aho, gusubizwa amahera y'incanco ntibizoba biratangura gushika mu kwezi kwa mbere, inyuma y'ikiringo c'akaruhuko kariko karabamwo ingendo nyinshi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Amerika n'ibindi bihugu vyinshi vyarahagaritse ingendo ziva mu bihugu umunani vyo mu bumanuko bwa Afrika. Abahinga muvyo amagara y'abantu bavuga ko kubuza ingendo bizobatwara umwanya wo kwiga ubwo bwoko bushasha bwa Covid.
Ku musi wa kane, umukuru w'igisagara ca New York Kathy Hochul yavuze ko hatowe abantu batanu bafise Omicron mu ntara yiwe.
Umugabo yari yitavye inama i Manhattan mu mpera z'ukwezi kwa cumi na rimwe, bamutoye Omicron.
Umwe muri abo banduye n'umugore w'imyaka 67 yari amaze gucandagwa wo mu karere ka Suffolk yari amaze imisi afise ibimenyetso vyo gukorora no kumeneka umutwe, nk'uko bivugwa na Hochul. Abandi bane bari mu gisagara ca New York.
Uwundi vyemejwe ko yanduye ku wa gatatu n'uwo i California, hanyuma i Colorado ku musi wa kane habonetse ingenzi zine zaheruka kuva muri Afrika y'Epfo.
Uwasanganywe Omicron i Minnesota yaheruka mu rugendo rw'imisi itatu mu gisagara ca New York ahariko harabera inama.
Uwo i Hawai, atari bwacandagwe kandi yigeze kugwara coronavirus mu 2020, nta rugendo yaheruka kugira. Ibi vyerekana ko ukwandukizanya mu mibano bishobora kuba vyaratanguye nk'uko bivugwa n'abategetsi muvyo amagara y'abantu.
Uwo i Hawai yari afise ibimenyetso bibayabaye kandi yari yarafashe ingingo yo kutava muhira nk'uko bivugwa n'abategetsi.










