Kenya: 23 baraye bapfuye igihe imodoka yari itwaye abaririmbiramana yagwa mu ruzi

Ahavuye isanamu, Citizen TV Kenya
Abantu n'imiburiburi 23 nibo bamaze kumenyekana ko baraye bapfuye igihe imodoka yari itwaye abaririmbiramana ku bugeni yatembagarira mu ruzi rwari rwuzuye.
Ibi vyaraye bibereye mu ruzi Enziu ruri ku birometero hafi 200 uvuye ku mugwa mukuru Nairobi, mu buseruko bw'igihugu ca Kenya.
Ireresi yahererekanywe ku mbuga hwaniro yerekana iyo modoka itwarwa n'urwo ruzi igihe umushoferi yagerageza kurujabuka ruri ku muvuduko udasanzwe.
Yari imodoka yakodeshejwe kugira ngo itware abaririmbiramana.
Bane muri aba bitavye Imana bari abana, amakuru ava mu karere akavuga ko abashika 12 bashoboye kurokorwa.
Hagati aho, igitigiri nyezina c'abari muri iyo modoka ico gihe ntikiramenyekana neza.
Ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi Standard kivuga ko uyo mushoferi atari amenyereye iryo barabara n'ikiraro kiri kuri urwo ruzi mu karere ka Mwingi kari mu ntara ya Kitui.
Buramatari w'intara ya Kitui Charity Ngilu avuga ko iri sanganya ry'ejo ku wa gatandatu riteye ubwoba.
Yongerako y'uko bashoboye gutora ibiziga 23, ariko ko hari abari bakzibiriwe muri iyo modoka. Avuga ko igikorwa co kubarondera gishobora kubandanya kuri uyu wa Mungu.
Hari hagize imisi hisuka imvura idasanzwe mu bice bitari bike vya Kenya, harimwo mbere n'uturere twari tumaze igihe twarasinzikajwe n'uruzuba rwahitanye ibitungwa n'ibikoko vyo mw'ishamba kubera ubukene bw'ubwatsi.










