Bulgaria: Mu barenga 40 bahitanywe n'isanganya mw'ibarabara harimwo abana

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi bavuga ko n'imiburiburi abantu 45 harimwo abana 12 bapfuye inyuma yaho bisi igiriye isanganya igasha mu burengero bwa Bulgaria.
Iryo sanganya ryabereye mw'ibarabara ryo mu bumanuko bushira uburengero bw'umugwa mukuru Sofia nk'isaha 02:00 zo muri ico gihugu (00:00 GMT).
Iyo bisi yari ifise iparati zo mu buraruko bwa Macedonia ikaba ahanini yari itwaye ingenzi/abakererugendo bo muri ico gihugu bari bavuye muri Turkia.
Abantu indwi barokotse bakaba baciye bajanwa kwa muganga kuvugwa ibikomere vy'aho bahiye.
Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu muri Bulgaria yavuze ko bitaramenyekana nimba iyo bisi yabanje gusha hanyuma ica igira isanganya canke ko yadutsemwo umuriro imaze kugiraa isanganya.
Abategetsi bavuze bavuga ko iyo bisi bigaragara ko yagonze uruzitiro rw'ibarabara, amafoto akaba yerekana igice c'urwo ruzitiro cononekaye. Nta yindi modoka yagize uruhara muri iryo sanganya.
Umushikiranganji wa Macedonia ajejwe imigenderanire, Bujar Osmani yabwiye abamenyeshamakuru abo bantu bari bagarutseku mugwa mukuru Skopje bavuye mu rugendo mu karuhuko ka wikende mu gisagara ca Instanbul muri Turkia.
Ikinyamakuru co muri Bulgaria kivuga ko iyo modoka, yari mu rundi rukurikiranye rw'ayandi mabisi, yari yahagaze aho banyweshereza ibitoro hagufi ya Sofia nk'imbere y'isaha imbere y'uko haba iryo sanganya.
Abahasize ubuzima ntibaramenyekana amazina, ariko abategetsi bavuga ko harimwo abana n'urwaruka ruri hagati y'imyaka 20 na 30.
Umushikiranganji wa mbere wa Macedonia Zoran Zaev yabwiye imboneshakure ya Bulgaria ko abari muri iyo bisi bose bari abo muri Macedonia, ariko ko harimwo umubiligi umwe n'umunye Serbia umwe.
Zaev yavuze ko yavuganye n'umwe mu barokotse, akaba yamubwiye ko abari muri iyo bisi bari basinziriye igiye ikintu caturika kikabakangura.
Zaev yabwiye ibimenyeshamakuru ati:"Uwo hamwe n'abandi barokotse batandatu bamenye ibiyo vy'iyo bisi hanyuma barashobora kuvamwo barayanyaga.

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere mfatakibanza wa Bulgari Stefan Yanev yavuze ko iryo sanganya ari "agahomeramunwa". i
Igihe yariko aragendera ahabereye iryo sanganya yabwiye abamenyeshamakuru ati:"Twizeye ko tuhakuye ivyigwa kuri ibi bishitse kandi ko dushoboye gukinga ibintu nk'ibi muri kazoza."
Akarere gakikuje ahabereye iyo mpanuka yo kuri uyu wa kabiri kw'ibarabara rya Struma ubu karapfunze. Video z'aho iryo sanganya ryabereye yerekana ibisigarira vy'imodoka yahiye.
Amaze gushika ahabereye iryo sanganya, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Boyko Rashkov yavuze ko abapfuye bahiye baratokombera, nk'uko bivugwa n'imboneshakure ya BTV.
Umukuru w'abajejwe amatohoza Borislav Sarafov yavuze "ikosa ry'umushoferi canke ingorane y'ibuhinga ni vyo bintu bibiri bishobora kuba vyateye iryo sanganya".










