Uwari umuforoma agiye gupfungwa imyaka 10 azira gusambanya umurwayii afise ubumuga bwo mu mutwe

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugabo wo muri Arizona yaciriwe umunyororo w'imyaka 10 azira gusambanya ku nguvu umugore yari asanzwe afise ubumuga bwo mu mutwe yahavuye avyarira kw'ivuriro ryatwarwa n'uyu mugabo.
Nathan Sutherland yahoze ari umuforoma yagirizwa icaha co gusambanya ku nguvu uyu murwayi asanzwe afise ubumuga bukomeye cane , kw'ivuriro rya Hacienda HealthCare mu gisagara ca Phoenix.
Yahagaritswe mu 2018 inyuma y'aho ibipimo vya ADN/DNA vyiwe vyerekana ko ari co kimwe n'ivy'urwo ruhinja.
Mu kw'icenda, Sutherland yaremeye icaha co gusambanya uyu muntu akuze atabushobozi yari afise.
Uyu mugore yari afise imyaka 29 igihe avyara uyu mwana, avugwa ko yari arwariye muri iryo vuriro kuva akiri umwana muto.
Hampande y'umunyororo, Sutherland azobandanya acungishijwe ijisho ubuzima bwiwe bwose asigaje, yongere ashirwe mu gitabo c'abakora ivyaha bishingiye ku gitsina (délinquant sexuel/sex offender) mu gihe azoba avuye mw'ibohero.
Mw'itangazo ryasubiwemwo n'ibinyamakuru vya Amerika, umushikirizamanza w'akarere ka Maricopa, Allister Adel, avuga ko iki ari co gihano gishoboka gikwiye guhabwa Sutherland amaze kwemera icaha.
Umupfasoni Adel yongerako y'uko iki gihano "cafashwe hisunzwe ibintu bitari bike, harimwo n'uko uwabikorewe ata bushobozi yari afise".
BBC yegereye ibiro vy'umushikirizamanza wa Maricopa hamwe n'umushingwamanza wa Sutherland kugira batange insiguro.
Amajwi yo kuri terefone yabitswe agashikirizwa ibinyamakuru yerekana ko igihe uyo mugore avyara, ikigo c'ivuriro Hacienda HealthCare kitari kizi ko yari yibungenze.
Umuforoma yumvikana avuga ati: "Umwe mu barwayi yibarutse ikibondo, kandi ntitwari tuzi ko yari yibungenze. Ntavyo twari twiteguriye".
Muri rusama (ukwezi kwa gatanu) 2019, umuryango w'uyu mugore waruguruje urubanza witwarira ivuriro Hacienda HealthCare.
Uru rubanza ruvuga ko ibipimo vyo kwa muganga vyerekana ko uyu mugore "yasambanijwe ku nguvu ku nguvu incuro nyinshi".











