Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
China: Umufotozi yasavye imbabazi kubera ifoto ya Dior y''amaso mato'
Umufotozi w'Umushinwakazi akorana n'abanyamideri yasavye imbabazi kubera ''kutamenya" inyuma y'aho ifoto yafashe igakoreshwa na kompanyi y'imideri yo mu Bufaransa Dior yiyamirijwe n'abatari bake.
Ifoto ya Chen Man yerekanye umugore bamwe mu Bashinwa bakoresha internet cane (netzens) bavuga ko ikomeza kubandanya yerekana ingene Abanyaburaya bishizemwo ingene Abanya-Asia basa.
Madame Chen w'imyakab 41, yahavuye yandika ku rubuga-hwaniro rwa Weibo ati: "Ndiyagiriza jewe nyene kuba nkiri ikitazi [mu bikorwa maze gukora]."
Dior yavuze ko iyo foto iherutse gukoreshwa mw'ihayanishwa i Shanghai, kuva ico gihe yaciye ivanwako.
Iyo kompanyi y'ivyambarwa bigezweho yanditse kuri konte yayo ya Weibo ku wa gatatu ku mugoroba iti: "Dior, nk'uko yama, irubaha ingene Abashinwa biyumva... bishitse hakaba ukwihenda, [Dior] itegerezwa kwuguruka ikakira ivyo abantu bavuga hanyuma igakosora mu mwanya mwiza", yongerako iti "iyo foto ntiyari iyo gukoresha mu kwamamaza".
Iyo foto yatanguye kuja ahabona ku wa 12 Munyonyo (ukwezi kwa 11), ariko buno nyene ica iriyamirizwa na bamwe mu bakoresha internet cane - hamwe n'ibinyamakuru vy'aho mu Bushinwa.
Urukoba rwera n'amaso manini nivyo ku bisanzwe bifatwa nk'ibimenyetso vy'ubwiza mu Bushinwa - akenshi mu kwamamaza hakaba hakunze gukoreshwa imideri iriko ivyo bimenyetso.
Mu kwerekana igihushaneb, kimwe mu binyamakuru vyo mu Bushinwa, Beijing Daily, mu nkuru y'ibanze canditse ko iyo foto ya Dior yerekana "isura yijiriwe" kandi y''amaso y'ikibi".
Iyo nkuru y'ibanze yavuze iti: "Haheze imyaka myinshi abagore b'Abanya-Asia bama berekanwa bafise amaso mato n'ikibibi (freckles) nk'uko Abanyaburaya bavyishizemwo".
"Umufotozi yerekanye uko Abanyaburaya babibona."
Abashinwa bakoresha imbuga hwaniro baciye bafatira ngaho, bavuga ko amafoto ya Madame Chen ari "igitutsi" c'ingene Abanyaburaya bibaza ko abagore b'Abashinwakazi basa.
Umwe mu bakoresha Weibo yavuze ati: "Uko niko Abanyaburaya bibaza ko dusa, bongerako ko Chen Man yakagoboreyemwo. Benshi bongeyeko ko batazogura ibihingurwa n'iyo kompanyi igurisha ivyo abifise.
Bamwe mu Bashinwa bakoresha imbuga hwaniro bavuze ko iyo foto ya Madame Chen yibutsa urukurikirane rw'amafoto yiwe yo mu 2012, yari yafatiye i-D Magazine.
Ariko si bose bavyumva uko. Bamwe barashigikiye Madame Chen, aho umwe mu bakoresha Weibo yavuze ati: "Kuki umugore w'Umushinwakazi w'amaso mato adashobra gufatwa ko ari mwiza? Je nta ngorane n'imwe ndabibonamwo."
Mw'itangazo ryiwe ku wa gatatu, Madame Chen yavuze ko "yavyiyumviriye cane" akumva ko ategerezwa gusaba imbabazi amaze kwihweza buri "kintu cose kibi " cavuzwe ku gikorwa ciwe.
Avuga ati: "Navukiye kandi nkurira mu Bushinwa. Ndakunda cane igihugu canje . Nk'umuhanzi, ndazi neza ico njejwe mu kurondera kumenya neza imico y'Ubushinwa kugira ngaragaze ubwiza bw'Ubushinwa mu vyo nkora."
"Ubu ngiye kuzokwiga neza kahise k'Ubushinwa, nitabe ibiteramo bishobora kumfasha kuruta, hanyuma nteze imbere ivyiyumviro nsanzwe ngenderako...Nzokwihatira kuvuga Ubushinwa ndabicishije mu vyo nkora."
Madame Chen n'umufotozi azwi cane mu gisata c'imideri mu Bushinwa. Amaze gufata amafoto menshi yakoreshejwe mu binyamakuru vy'imideri bizwi cane, yarafotoye na ba rurangiranwa nka David Beckham na Fan Bin Bing.