P-Square: Amahasa y'abanye Nigeria aririmba umudiho wa Afrobeats basubije hamwe inyuma yo gucanamwo

P-Square on stage

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, P-Square ni rurangiranwa muri Africa, aho batsindiye agashimwe k'abaririmvyi ba mbere mu myaka cumi ka MTV Africa mu 2015
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Abaririmvyi b'amahasa bashinze umugwi P-Square, umwe muyizwi cane ikora umudiho wa Afrobeats muri Afrika, basubije hamwe, barangiza imyaka itari mike y'amatati bari bafitaniye.

Abo banye Nigeria babiri - Peter na Paul Okoye - bashwanye bapfuye amatati yo mu muryango, baruhira kuvana mu 2017.

Bahimbarije hamwe imyaka 40 iheze bavutse kuri uyu wa kane, mu kumenyesha ababakurikirana ku rubuga rwa Instagram ko basubije hamwe.

Mu 2015, MTV Africa yagenye P-Square nk'abaririmvyi ba mbere mu myaka cumi.

Ntibiramenyekana nimba ayo mahasa azosubira kuririmbira hamwe, ariko abafana bariko barigina uko gusubiza hamwe, barashaka ko babikora.

Bizeye izindi ndirimbo nyinshi zimeze nka Do Me, Chop My Money na Bizzbody, zatumye uko ari babiri bamenyekana ku mugabane wa Afrika n'ahandi kw'isi.

Ico bari bapfuye nticigeze gishirwa ahabona, ariko utwigoro two kubasubiza hamwe twarimwo abanye politike, abanyamadini n'abandi bantu bazwi cane nta co twashitseko.

Ivyo imbuga hwaniro zitandukanye zagiye zirandika kuva batandukanye, vyavuga ko ayo matati yavuye ku bagore babo na mukuru wabo, ari nawe yari ashinzwe ibikorwa vyabo.

Ariko mu butumwa bashize kuri Instagram kuri uyu wa kane, Peter na Paul bavuze bati "Umutwe umwe ntiwigira inama".

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Hari n'ivyahora binuganugwa ko bari baramaze gusubiza hamwe inyuma yo kuza barahurira ku rubuga rwa Instagram. Hanyuma video yagaragaye ku musi wa gatatu yarahanahanywe cane.

Bamaze gutandukana, umwe wese yaciye atangura gukora umuziki ukwiwe nka Mr P (Peter) na Rudeboy (Paul) ariko ntibigeze bashika ku rwego bari bagezeko nka P-Square.

Ari babiri, baragiye imbere mu muziki wo muri Nigeria imyaka myinshi, umugwi wabo ukaba wabaye uwa mbere ushikanye umuziki wa Afrobeats mu yindi mihingo y'umugabane wa Afrika.

Ibiteramo vyabo vy'ikibiriraho vyakunzwe cane kubera ingene batamba n'inguvu.

Barakorana cane n'abandi baririmvyi nka Diamond Platinumz wo muri Tanzania hamwe na Akon, umunyamerika rurangiranwa.

Barashize umukono kuri 'label' Konvict Muzik ya Akon mu 2011, hanyuma inyuma y'umwaka umwe, bashira umukono ku masezerano na Universal Music Group.

Uretse gutahukana agashimwe k'umuririmvyi mwiza mu myaka cumi ka MTV Africa mu 2015, baratahukanye agashimwe k'umugwi mwiza incuro zitatu zose.