Astro azwi mu ndirimbo nka Kingston Town, Red Red Wine ari muri UB40 yashengeye

Astro yafashwe isanamu ariko araririmba i Londres mu 2005

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Astro yafashwe isanamu ariko araririmba i Londres mu 2005
Yatangajwe

Umunyamuziki w'umwongereza akongera akaba n'umwe mu batanguje umurwi UB40 Terence Wilson, azwi cane kw'izina rya Astro, yapfuye ku myaka 64.

Astro umuririmvyi yaririmbanye n'uyu murwi wo mu mudiho wa reggae mu kiringo c'imyaka irenga 30 yahitanywe n'indwara y'igihe gito, nk'uko vyemezwa n'umurwi yari asanzwe aririmbamwo.

Itangazo ryacishijwe ku rubuga n'umurwi Ali Campbell and Astro rivuga riti: "Turababaye cane. Isi yose irabuze intwari".

Astro yasezeye mu murwi UB40 mu 2013 akaba yagiye kubandanya n'umurwi wiyonkoye UB40 featuring Ali Campbell and Astro, ukaba wari umaze kuremesha ibiteramo bitari bike muri uno mwaka. Wari witeze kuzunguruka ugenda uremesha ibiteramo mu mwaka uza wa 2022.

Umurwi wiwe wa mbere watangujwe mu ntango z'imyaka ya 1980 n'umudiho wa reggae wisangije kamere, ukaba waramenyekanye cane mu miziki itari mike harimwo nka Red Red Wine na Can't Help Falling In Love.

Uyu murwi wa Birmingham wagurishije ama casettes arenga imiriyoni 70 kandi imiziki yawo iraba iya mbere mu Bwongereza ku ncuro zitatu zose.

abari bagize UB40 mu 1988: Ali Campbell, Astro, Mickey Virtue, Jimmy Brown, Robin Campbell, Earl Falconer na Norman Hassan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, abari bagize UB40 mu 1988: Ali Campbell, Astro, Mickey Virtue, Jimmy Brown, Robin Campbell, Earl Falconer na Norman Hassan

Itangazo ry'abagize umurwi UB40 wa kino gihe wanditse kuri twitter uti: "Wiruhukire mu mahoro Astro.

"Muri iri joro twumvise inkuru y'umubabaro ko uwahoze mu murwi UB40, Terence Wilson, azwi kw'izina rya Astro, yasandavye inyuma y'indwaya y'igihe gito. Turahojeje umuryango wiwe".

Muri rusangi, UB40 yasohoye indirimbo 39 muri 40 za mbere mu Bwongereza, yongera isohora album 28 muri 40 za mbere mu gihugu, na Astro akaba ari we yari umuririmvyi mukuru mu ndirimbo Rat In Mi Kitchen yabaye iya 12 mu 1987.

Uyu murwi kandi waramenyekanye cane kw'isi yose, harimwo no muri Amerika, aho indirimbo Red Red Wine yabaye iya mbere, nk'uko vyagenze no ku yindi yitwa, Can't Help Falling in Love with You, yamaze amayinga indwi yose ari yo yiganje mu 1993.

Aba mbere mu bagize uyu murwi baramaze imyaka 30 yose baririmbira hamwe imbere y'uko Ali Campbell awusezera mu 2008.

Mu kiganiro Astro yagiranye na The Guardian mu kwa gatanu, yavuze ko uyu murwi umaze gushingwa mu 1978 wahindutse ijwi ry'abanyagihugu batishimiye ibijanye na poritike hamwe n'ibibazo bihanze isi.

Yabwiye iki kinyamakuru ko nawe yabonye "amabwa nk'ayo abandi birabure bose bahuye nayo mu mpera z'imyaka ya 1970", aha akaba yashaka kuvuga itegeko ryaha uburenganzira igipolisi guhagarika no gusaka abantu bafatwa ko bateye amakenga - ivyo Astro avuga ko vyama biba buri ndwi.

Ati: "Twabonye vyari bigoye kwandika indirimbo z'urukundo gusumba indirimbo z'abarwanira agateka kabo, kubera vyari vyoroshe cane kwandika ku bintu wewe nyene wiboneye canke wasomye ahantu. Yari kamere yacu".

Ali Campbell na Astro bariko baririmba mw'ijoro mu gisagara ca Antwerp mu Bubirigi mu 2000

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ali Campbell na Astro bariko baririmba mw'ijoro mu gisagara ca Antwerp mu Bubirigi mu 2000

Mu 2016, uyu munyamuziki yabwiye urubuga ngurukanabumenyi rw'Ubwongereza UK Music Reviews ko iri ritazirano yarironse akiri umwana kubera yambara ibirato vya Dr Martens vyari bizwi nka "Astronaut".

Yongeyeko ati: "Ku gihamana ciza, nta muntu yigeze anyita astronaut kuko ari ijambo rirerire, ari naco gituma baciye barigabanya bafata Astro, kandi kuva ubwo ryaciye ringumako".

Abajijwe ingene yiyumva iyo ariko arazunguruka aremesha ibiteramo, Astro yavuze ati: "Nta kazi kuri iyi si koguha umunezero nk'uwo ndonka. Jewe ndiho kugira ngo ndirime".

Mu kw'umunani, uwundi mugenzi bakoranye muri UB40 batangranye uyu murwi Brian Travers yarapfuye ahitanywe na kanseri ku myaka 62.