Qatar 2022: N'iyihe migwi imaze kuronka uburenganzira bwo kuja muri izo nkino n'izigifise icizere?

Yatangajwe

Urugendo rwo kuja mu nkino z'igikombe c'isi muri Qatar mu 2022 ruregereje, imigwi izoja muri izo nkino izomenyekana muri iyi ndwi, co kimwe n'izizokura meza hamwe z'igigifise icizere co kubandanya.

Ku ruhande rwa Buraya, imigwi 10 ya mbere yo mu matsinda izokwitaba izo nkino za nyuma, zizoba hagati y'itariki 21 Munyonyo ( 11) gushika itariki 12 Kigarama (12) mu 2022.

Ihiganwa ryo muri Qatar rizoba ribaye irya nyuma rigiyemwo imigwi 32, kubero igitigiri c'imigwi carongerekanye gushika kuri 48 kuva ku nkino za nyuma zo mu 2026 zizobera muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, Mexique na Canada.

Ku ncuro ya mbere, igihugu ca Qatar kizokwitaba izo nkino nk'igihugu categuye izo nkino, bikaba vyitezwe ko azoba ari wo mugwi usanzwe uzoba witavye iryo higanwa.

UEFA: Umugabane wa Buraya

Umugabane wa Buraya uzoserukirwa n'imigwi 13, 10 ziza imbere mu matsinda ziza zaramaze kuronka uburenganzira bwo kwitaba izo nkino, ibibanza bitatu bisigaye bikaba bizohiganirwa n'imiwi 10 iri mu kibanza ca kabiri mu matsinda, hamwe n'imigwi ibiri iri mu kibanza ca gatatu canke musi ivuye mw'ihiganwa ry'ibihugu vya Buraya.

1: Ubudagi

Igihugu kimaze gutwara igikombe c'isi incuro zine. Ubudagi ni co gihugu ca mbere catanguye kuronka uburenganzira bwo kuja muri izo nkino za nyuma zo mu 2022, butsinze Macedonia 4-0, hari itariki 11 Gitugutu (10), gica kiba igihugu cambere kironse ako karyo co mw'itsinda J.

2: Ubufaransa

Igihugu gisanganywe ico gikombe na co caronse ubwo burenganzira, Kylian Mbappe yatsindiye ibitego 4 Ubufaransa, aho Ubufaransa bwagaraguje agati Kazakhstan mu kuyitsinda ibitego 8-0 mw'itsinda D, buca bwenurira Finlande yari isanzwe iri mu kibanza ca kabiri.

3: Ububiligi

Ububiligi bwatahukanye ikibanza ca gatatu mu nkino z'igikombe c'isi co mu 2018, na bwo buzoja muri Qatar, inyuma y'aho ku musi wa gatandatu butsindiye Estonia ibitego 3-1, bituma buja mu kibanza ca mbere mw'itsinda rya E.

4: Croatia

Igihugu ca Croatia cafashe ikibanza ca kabiri mu nkino zo mu 2018. Ico gihugu co mw'itsinda rya H caronse ubwo burenganzira ku musi wa gatandatu. Bahuye n'Uburusiya bwarondera inota rimwe gusa kugira buje muri izo nkino, ariko abasore ba Zlatko Dalic, baritaye ku rutare baranganya, ku gitsindo baronse ku munota wa 81, igitsindo bitsinze biciye ku mukinyi Fedor Kudryashov, bikaba vyatumye Uburusiya burindira izindi nkino kugira buronke uburenganzira bwo kwitaba izo nkino.

5: Espagne

Ku musi w'Imana, Espagne yararonse uburenganzira bwo kwitaba izo nkino za nyuma ku ncuro ya 12 yikurikiranya, ikaba yari mw'itsinda B. Yatsinze Swede mu rukino rwabereye i Seville. Ico gihugu catwaye igikombe co mu 2010 cari gikeneye kunganya gusa kugira kije muri izo nkino, ariko igitego ca Alvaro Morata ni co catumye ico gihugu kironka uburenganzira bwo kuja muri izo nkino za nyuma.

6: Serbia

Mu rundi rukino rutangaje, Serbia yatsinze Portugal ibitego 2-1 ku kibuga cabo kandi na Cristiano Ronaldo yakinye, uwo mugwi uca uronka uburenganzira bwo kuja muri izo nkino. Igitsindo co ku munota wa nyuma ca Aleksandar Mitrovic ni co cavunye inkokora Portugal.

Ronaldo azorindira gushika mu kwezi kwa gatatu kw'umwaka uza kugira amenye ko bazobandanya ihiganwa canke ko birangiye.

7: Swisse

Swisse yatsinze Bulgaria ibitego 4-0 ica ironka uburenganzira bwo kuja mu nkino za nyuma mu mwaka uza mw'itsinda C inyuma y'aho Irlande ya ruguru inganirije 0-0 n'Ubutaliyano i Belfast.

Uwo mugwi nserukiragihugu umenyerezwa na Roberto Mancini, utegerezwa kurindira gushika mu kwezi kwa gatatu kugira ukine izindi nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja muri ico gikombe c'isi.

8: Ubwongereza

Ubwongereza bwaronse uburenganzira bwo kuja mu gikombe c'isi inyuma yo gutsinda San Marino ibitego 10-0, umugwi uza ubwa nyuma mu mupira w'amaguru kw'isi. Umugwi umenyerezwa na Southgate uhabwa amahigwe menshi yo gutahukana igikombe c'isi mu mwaka uza, inyuma yo kugarukira muri kimwe ca kabiri mu nkino ziheruka kubera mu Burusiya, ukanashika mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2020 mu ci.

Ni ubwa mbere Ubwongereza butsinda ibitego 10 kuva mu 1964, aho Harry Kane yatsinze ibitego 4 mu minota 15, Emily Smith akana bwari bwo bwa mbere atanguye mu kibuga aca aratsinda igitego kimwe, yongera afasha no gutsinda.

9: Danmark

Danmark cabaye igihugu kigira kabiri kironse uburenganzira bwo kuja mu gikombe c'isi muri Qatar inyuma yo gutsinda Autriche 1-0, ikaba yaciye iba iya mbere mw'itsinda F.

Kuri uyu wa kabiri, Ubuhollande bufise amanota 20, Turkiya na Norvege bose bafise amanota 18, kimwe muri ivyo bihugu vyo mw'itsinda G gishobora gukwiza imigwi 10 y'i Buraya izoja muri Qatar. Ubuhollande buza gukina na Norvege hanyuma Turkiya na yo itane mu mitwe na Montenegro.

N'iyihe migwi yindi yaronse uburenganzira bwo kuja mu nkino z'isi muri uku kwezi?

CONMEBOL: Amerika y'Epfo

Amerika y'epfo ifise ibibanza bine vyo kuja muri iryo higanwa hamwe na bitatu vya Afrika ya ruguru, mu gihe ikibanza gisigara gihiganirwa n'imigwi yo kuri iyo migabane ibiri. Igihugu kimaze gutwara ico gikombe incuro zibiri Argentine, kizoba ikigira kabiri kironse ubwo burenganzira bwo kuja muri Qatar muri CONMEBOL, mu gihe cotsindira Brezil i San Juan uyu musi. Bananganije uwo mugwi umenyerezwa na Lionel Scaloni uca uronka uburenganzira bwo kwitabira izo nkino mu gihe Chili na Colombia zotsindwa.

AFC: Asia

Ku mugabane wa Asia hari ibibanza bine. Hari ikibanza kimwe kigenewe igihugu co muri Oceania. Nta gihugu na kimwe kiratsindira kuja muri izo nkino muri Asia. Gushika ubu Amatsinda abiri y'imigwi itandatu aracabandanya guhiganwa. Imigwi ya Korea y'Epfo, Arabia Saudite na Australia bigaragara ko iriko iravyufatamwo neza.

CAF: Afrika

Imigwi itanu izoserukira Afrika muri izo nkino ntiramenyekana, gushika habaye izindi nkino zigira gatatu ari na zo za nyuma mu mpera z'ukwezi kwa gatatu. Gushika ubu, ibihugu bitandatu DR Congo, Ghana, Mali, Misri na Senegal ni vyo vyinjiye muri izo nkino za gatatu ari zo za nyuma.

CONCACAF: Amerika ya Ruguru, hagati na, na Caraibe

Gushika ubu, Amerika Mexique na Canada ni vyo bihugu biboneka ko biriko biravyifatamwo neza mu nzira yo kuja muri Qatar, n'aho urugendo rusa n'urukiri rurerure kuko hasigaye inkino indwi.

OFC:Ocenia

Kuri uyu mugabane wa Oceania urugendo ruracari rurerure kuko n'inkino zo gukuranamwo ntiziratangura.