Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Agnes Wanjiru: Kenya isaba UK kuyirungikira umusirikare yagirizwa kwica umunyagihugu wayo
Kenya iriko irarondera ko umusirikare w'Ubwongereza yagirizwa kwica umugore wo muri Kenya, haraciye imyaka icenda, arungikwa muri iki gihugu kugira acirirwe urubanza.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Kenya Eugene Wamalwa yabwiye umurwi w'inama nshingamateka ko reta y'Ubwongereza yemeye gukorana na reta ya Kenya muri iyo ntumbero.
Umushikiranganji Wamalwa avuga ko ikiziga ca Agnes Wanjiru, yari afise imyaka 21, catowe inyuma y'aho abasirikare b'Ubwongereza bariko bakora imyimenyerezo muri Kenya batahukiye.
Intumwa za reta y'Ubwongereza ziri mu gihugu muri kino gihe aho ziri mu biganiro na bagenzi babo bo muri Kenya, ariko bakaba batashatse kuvugana na BBC.
Ejo ku wa kabiri, umushikiranganji Wamalwa yabwiye abashingamateka ko yasomye icegeranyo c'amatohoza cemeza ko Wanjiru yishwe n'abasirikare b'Ubwongereza ku butaka bwa Kenya.
Yongerako y'uko reta ya Kenya yavuganye na reta y'Ubwongereza inyuma y'itangazo ryasohowe n'umukuru w'igipolisi ku wa mbere aho yavuze ko urubanza rwasubiye gutangura.
Umushikiranganji Wamalwa avuga kandi ko reta y'Ubwongereza yamwemereye ko abo bose bafise uruhara muri ubu bwicanyi, avuga ko bazwi, bazoshobora kurungikwa muri Kenya kugira ngo bashengezwe imbere y'ubutungane.