Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
COP26: Umushikiranganji agendera ku gakinga k'abagendana ubumuga vyanse ko yitaba inama
Umushikiranganji wa Israel yavuze ko ashobora kutitaba inama ya COP26 ku musi wa mbere kubera ata nzira yo gucishako agakinga k'abagendana ubumuga yateguwe.
Karine Elharrar yanditse ku rubuga rwa Twitter ngo "Ndababaye... Onu ntiyateguye uburyo bwo gushika mu manama yayo".
Umutegetsi ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere Naftali Bennett muri iyo nama yavuze ko bamaze kwitwara ku batunganije iyo nama.
Uwo mutegetsi yongeyeko ko Bennett yavuze ko hari igihe atokwitaba ibikorwa vyo ku wa kabiri mu gihe Elharrar atoshobora kwinjira muri iyo nama.
Umunyamabanga wa reta y'Ubwongereza ajejwe ibidukikije, George Eustice, yavuze ko ivyo vyashitse "bibabaje cane" kandi ko reta yasavye imbabazi Elharrar.
Ariko yananebaguye intumwa za Israel, mu kiganiro ca Today Programme muri Radio BBC 4:"Mu bisanzwe uko vyari kugenda n'uko Israel yari kuba yamenyesheje ko uwo mushikiranganji afise ivyo akeneye vyisangije.
"Nta nkeka hariho ikintu kitagenze neza kandi nta vyo bigeze bamenya, vyaciye bituma badategura ibikenewe kuri uwo muryango yaterezwa kwinjirirako."
Eustice yongeyeko:"Ndazi ko ku yindi miryango nka yose hariho hariho inzira y'akagare k'abagendana ubumuga. N'uko yaciye mu muryango utayigira."
Hariho abamunebaguye kubera ivyo yavuze, aho nka Lady Ludford wo mu mugambwe w'abademokrate yanditse kuri Twitter:"Si inyishu y'urupfasoni ku bakiriye inama ya COP26 guta umwikomo ku mutumire."
Bivugwa ko Elharrar yabwiye Radio yo muri Israel Channel 12 ko ashobora kutinjira mu kibanza kiberamwo inama kubera uburyo bwonyene buhari ari ugutambuka canke guca ahantu hatagenewe agakinga k'abagendana ubumuga.
Ibiro vyiwe vyabwiye ikinyamakuru Times co muri Israel ko yarindiririye hanze y'ahabera iyo nama i Glasgow amasaha abiri, hanyuma biba ngombwa ko asubira mw'ihoteli yashikiyemwo iri ku mugwa mukuru wa Ecosse, i Edinburgh. ku birometero 80 uvuye ahabera iyo nama.
Umutegetsi wo mu baherekeje umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko Bennett yabwiye umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson ivyo vyashitse, Johnson akaba yaciye atumira Elharrar kuja munama izohuza abo bashikiranganji ba mbere babiri kuri uyu wa kabiri.
Ku musi wa mbere, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza James Cleverly yavuze ko "vyamubabaje cane" kuba Elharrar ashobora kutinjira mu nama.
Yanditse kuri Tiwitter:"Ikibanza kiberamwo inama ya COP catoranijwe ngo gishikwemwo na bose. Navuganye n'umushikiranganji iki kibazo nkaba niteze guhura na we (ku wa kabiri)."