Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Reta iriko iraraba niba igitigiri kinini c'intara na komine gikenewe
Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe intwaro yo mu gihugu hagati n'iterambere rusangi hamwe n'umutekano aribaza niba igihugu gikeneye igitigiri c'intara n'amakomine kingana uko kiri gushika ubu.
Mu nama yagiranye na ba buramatari b'intara kuwa kabiri, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yagize ati:
"Sinibaza ko iterambere rusangi turiko turarondera rizokunda dufise intara zirenga cumi na zingahe, dufise amakomine ijana na mirongo ingahe."
Uburundi busanzwe bufise intara 18 na komine 119 ku buringanire bungana na 27,834 km² bw'iki gihugu.
Mu nama na ba buramatari, Ndirakobuca yagize ati: "….turimwo turaraba y'uko, mbe turacakeneye intara cumi na zingahe? Dukeneye amakomine ijana na mirongo ingahe?
"Turiko turabikorerako kugira ngo mu kuri turabe amakomine igihugu cacu coba gikeneye, intara igihugu cacu coba gikeneye, kugira rya terambere rusangi rikunde."
Ndirakobuca avuga ko iterambere rigoye ku makomine amwe amwe kuko adafise n'isoko ashobora gutozamwo amakori.
Kuva Uburundi bwikukiye mu 1962 - aho bwari bufise intara umunani - igitigiri c'intara zigize igihugu cagiye gihinduka uko imyaka yagiye igenda n'intwaro zigahinduka.