Tanzania: CHADEMA iriyamiriza ibivugwa na Perezida Suluhu kw'ifungwa ry'umukuru wayo

Umugambwe mukuru utavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzania, CHADEMA, uranegura wivuye inyuma amajambo yashikirijwe na Perezida Samia Suluhu Hassan mu kiganiro aherutse kugirana na BBC.
Umunyamabanga mukuru wa CHADEMA John Mnyika avuga ko umukuru w'igihugu yoba yarahenzwe canke yahisemwo n'ibigirankana kubesha abanyagihugu ku bijanye n'ibibazo bihanze Abatanzania muri ico kiganiro.
Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru kuri uwu wa kabiri ku biro bikuru vy'uwu mugambwe i Dar es Salaam, Mnyika yashikirije amakenga ku vyavuzwe n'umukuru w'ico gihugu ku bijanye n'ipfungwa ry'umukuru w'uwu mugambwe, Freeman Mbowe.
Uyu munyamabanga mukuru wa Chadema ariyamiriza ibivugwa na Perezida Suluhu ko Mbowe yari yahisemwo kuguma hanze y'igihugu mu kiringo kanaka amaze kumenya ko yariko arakorwako amatohoza.
Perezida Samia yaranse kuvuga vyinshi ku rubanza rwa Mbowe mu kiganiro yagiranye na BBC, aho yavuze ko ari kubera ruri muri sentare.
Ariko, abategetsi ba Chadema bavuga ko uwu mugambwe uzokwerekana neza ko umukuru wawo yari hanze mu buryo bwemewe n'amategeko kandi ko atari yahunze igihugu nk'uko hari abavyibaza.
Chadema yagiriza kandi umukuru w'igihugu kwivanga mu rubanza ruri muri sentare, ukavuga ko wamaze gusaba abashingwamanza bawo kumera magabo inyuma y'ivyavuzwe na Perezida Suluhu.
Uwu mugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi muri Tanzania urababazwa cane n'ivyo Perezida Suluhu yashikirije ku bijanye n'amakoraniro ya poritike, aho yavuze ko itajanye na demokarasi ahubwo ko ifise intumbero yo gutera akajagari muri poritike.
Abarongoye Chadema bavuga ko amajambo yiwe ateye kubiri n'ibwirizwashingiro ryemerera imigambwe kurangura ibikorwa vyayo mu bwisanzure, harimwo n'amakoraniro.









