US - Covid: CNN yirukanye abakozi bagiye mu biro batacandazwe

CNN sign in Atlanta, Georgia, in May 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Ikinyamakuru co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika CNN cirukanye abakozi batatu kubera bagiye mu biro batacandazwe ngo bakingirwe ca kiza karanda ca Covid, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika.

Ni kamwe mu turorero twa mbere tw'amakompanyi ya Amerika yirukana abakozi kubera barenze ku mategeko yayo ategeka abakozi kwicandagisha.

Ubu amategeko muri Amerika aha uburenganzira amakompanyi gutegeka abakozi bayo kwicandagisha.

Amakompanyi menshi akomeye - harimwo Facebook na Google - avuga ko agiye gutegeka abakozi bayo kwicandagisha mu gihe ibiro vyayo bizoba vyuguruwe burundu mu mezi ari imbere.

Umukuru wa CNN Jeff Zucker yameshejeje iri bogoza mu butumwa bwarungikiwe abakozi (memo) ku wa kane, ibinyamakuru bitari bike bikaba vyarabuhawe.

Asubirwamwo ivyo yanditse muri uru rwandiko aho avuga ko urucanco ari ngombwa ku muntu uwo ari we wese aja kurondera amakuru, akorana n'abandi bakozi canke agiye mu biro.

Mu majambo yiwe, Zucker yavuze ati: "Reka mvuge neza - dufise poritike yo kutihanganirana kuri iki kibazo".

Mu kwa gatanu, reta ya Amerika yatangaje ko abakoresha bafise uburenganzira bahabwa n'amategeko bwo gutegeka abakozi baja ku kazi kubanza kwicandagisha Covid-19.

Amakompanyi makuru makuru yunguruza abantu n'indege, Delta hamwe na United Airlines, asaba abakozi bashasha kwerekana icemeza ko bakingiwe, mu gihe ibanki ya Goldman Sachs isaba kumenyesha ibijanye n'icandagwa, n'aho idategeka abakozi bayo kwicandagisha, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Associated Press.

Perezida Joe Biden yategetse ko abakozi ba reta imiriyoni zibiri bategerezwa kwerekana icemeza ko bacandazwe canke naho atari uko bagategerezwa gupimwa no kwambara udupfukamunwa, banka bemera.