Covid: Vladimir Putin avuga ko 'incanco za Sputnik zizewe nka Kalashnikov

Ahavuye isanamu, RDIF Handout via Reuters
Perezida Vladimir Putin avuga ko urucanco rushasha rwahinguwe n'Uburusiya "rwizewe nka ya nkoho ya Kalashnikov".
Aya majambo yayavuze nijoro ku wa kane mu nama yariko agirana n'icegera c'umushikiranganji wa mbere Tatyana Golikova ku buhinga bwa videwo.
Ayavuze mu gihe abajejwe amagara y'abantu muri ico gihugu bemeje ejo ku wa kane ubundi bwoko bw'urucanco rwa Sputnik V rutangwa nka doze imwe gusa, rukaba rwahawe izina rya Sputnik Light.
Perezida Putin yagereranije urwo rucanco n'iyi nkoho yahinguwe ku butegetsi bw'aba Soviyeti (Union Sovietique/ Soviet Union) yabaye rurangiranwa mbere ibandanya ikoreshwa cane gushika ubu.
Yasubiyemwo amajambo yavuzwe n'umuganga wo muri Autriche/Austria mu ntango z'uno mwaka igihe yavuga ku nguvu z'uru rucanco.
Urucanco rwa Sputnik V rukora co kimwe n'izindi ncanco zakozwe n'amakompanyi Oxford/AstraZeneca na Janssen/Johnson & Johnson.
Abanegura ubutegetsi bwa Putin bari bafise amakenga ko abajejwe kugenzura imiti i Moscou bihuse kwemeza uru rucanco mu mwaka uheze, ariko igerageza ryakozwe mu nyuma ryerekanye ko rukingira Covid-19 ku rugero runini cane.
Ubwoko bwa mbere bw'uru rucanco rutangwa incuro zibiri bumaze kwemezwa mu bihugu bitari bike kw'isi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uru rucanco rushasha rwa Sputnik Light, ubwoko bwa Sputnik V umuntu aterwa rimwe gusa, rwemejwe mu Burusiya ejo ku wa kane.
Mw'itangazo basohoye, abarukoze bavuga ko doze imwe gusa ikingira uwurutewe ku rugero rwa 79.4%, aho hari mw'isekeza ryo ucandaga riheruka mu gihugu.
Iri tangazo rivuga riti: "Uru rucanco rutangwa kuri doze imwe gusa rwatumye abantu benshi bakingirwa mu mwanya muto, ivyatumye urugamba rwo kurwanya iki kiza igihe cariko kirarandagata rutera imbere".
Iyi ngingo yo kwemeza uru rucanco ije mu gihe impari ari nyinshi kw'isi nimba amahinguriro y'incanco yokuraho inzitizi kugira ngo ibindi bihugu kw'isi bishobore guhingura izi ncanco kugira ngo zibe nyinshi.










