Afghanistan: AbaTaliban bigaruriye igisagara gikomeye ca Kunduz mu buraruko

Ahavuye isanamu, Reuters
Aba Taliban bafashe igisagara gikomeye ca Kunduz kiri mu buraruko bw'igihugu, kimwe mu bisagara binini vy'igihugu, inyuma y'ntambara zikomeye n'igisirikare ca reta.
Umutegetsi w'akarere yabwiye BBC ko igisagara cose, havuyemwo ikibuga c'indege, cigaruriwe n'aba barwanyi. Ibendera y'uwu muhari ryabonetse ririko rirahungabana.
Haravugwa ibikorwa biteye ubwoba vyahabereye, harimwo amazu yaturiwe n'amaduka yasahuwe urukombamazi.
Gushika ubu, aba Taliban bamaze kwigarurira imigwa mikuru y'intara zine kuva ku wa gatanu honyene. Ifatwa rya Kunduz niyo ntambwe ya mbere ikomeye bateye muri uno mwaka.
Abarwanyi b'aba Taliban, baciye batera baja mu kindi gisagara ca Sar-e-Pul kiri mu buraruko, bakaba bagifashe haciye amasaha makeya bigaruriye Kunduz.
Abategetsi ba Afghanistan bashimangira ko ingabo za reta zikiri mu bisagara vyigaruriwe n'aba Taliban, kandi ko intambara zikibandanya.
Kuva batanguye intambara mu kwa gatanu, ifatwa rya Kunduz niyo ntamwe ya mbere ikomeye bashitseko.
Iki gisagara kibamwo abantu 270.000 gifatwa nk'umuhora ujana mu ntara zo mu buraruko butunze ubutare bwinshi.
Ni igisagara kandi gikomeye cane uravye aho giherereye, kuko gifise amabarabara manini agihuza n'ibindi bisagara, harimwo n'umugwa mukuru Kabul, ikaba kandi n'intara ihana urubibe na Tajikistan.
Uru rubibe nirwo rucamwo za magendo z'ibiyayuramutwe vya opium na heroin bija muri Aziya yo hagati, umuhora ushikana i Buraya. Rero kwigarurira Kunduz bisigura kwigarurira umwe mu mihora mikuru mikuru icishwamwo ibiyayuramutwe mu karere.
Ku ba Taliban kandi, ni ikintu gikomeye cane kuko iki gisagara cari ikirindiro gikomeye imbere y'uko bomorwa ku butegetsi mu 2001. Aba barwanyi bari bongeye kucigarurira mu 2015 hamwe no mu 2016, ariko ntibari bwgere bashobora kukigumana umwanya mure mure.
Aba Taliban bafashe iki gisagara haciye amasaha make batangaje ko bigaruriye igisagara ca Sheberghan c'intara ya Jawzjan iri mu buraruko bwa Afghanistan.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi wa Afghanistan yabwiye BBC ko ingabo za reta zari zikiri muri ico gisagara kandi ko umwanya n'umwanya zishobora kwomora aba Taliban.
Sheberghan wari umugwa mukuru w'intara ugize kabiri wari wigaruriwe n'izi nyeshamba, inyuma ya Zaranj y'intara ya Nimroz iri mu bumanuko bushira uburengero yigaruriwe ku wa gatanu.
Igisagara ca Sheberghan cari ikirindiro c'uwahoze ari umukuru w'abarwanyi n'icegera c'umukuru w'igihugu, Abdul Rashid Dostum, aho abanywanyi biwe bari bahanganye bikomeye n'izi nyeshamba.
Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko abantu 150 bagiye muri ico gisagara gufasha ingabo za reta.
Aba Taliban babanje kwigarurira inzu yiwe ku wa gatanu mu ntambara zari zikomeye cane, mu nyuma isubira gufatwa n'ingabo za Afghanistan.
Ariko, umukuru w'iyo ntara, Babur Eshchi, yabwiye BBC ko inyeshamba ubu zigaruriye igisagara cose, kiretse ikambi imwe ya gisirikare ahakiriko habera intambara.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi wa Afghanistan Fawaad Aman yabwiye ikiganiro Newshour ca BBC ko ingabo za reta ari zo zigifise "igice kinini" c'igisagara, harimwo n'ikibuga c'indege, anashimangira ko "umwanya n'umwanya inyeshamba zirukanwa" mu gisagara ca Sheberghan.
Ariko aremera ko aba Taliban bari bafashe ibice bimwe bimwe vy'igisagara, kandi ko ingabo za reta zahisemwo kwigira inyuma kugira ngo "ntihabe abasivire bagwa mu ntambara".


Nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Afghanistan, indege B-52 za Amerika zateye ibibombe ku birindiro vy'aba Taliban mri ico gisagara.
Hagati aho, abategetsi b'aba Taliban batangaza ko bifatiye ibohero ryo muri Sheberghan. Ireresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana abapfungwa amajana n'amajana bariko bava muri iryo bohero ry'ico gisagara.
Mu yindi migwa mikuru isugerejwe harimwo Herat mu burengero, hamwe n'ibisagara vya Kandahar Lashkar Gah mu bumanuko.
Igisirikare ca Afghanistan kivuga ko inyeshamba ziyitirira Islam, harimwo n'intwazangabo nkuru nkuru, zishwe mu gisagara ca Lashkar Gah. Ariko aba Taliban bariyamiriza ibi bivugwa n'igisirikare ca reta.
Hanyuma kandi muri ino ndwi nyene ku mugwa mukuru wa Afghanistan, Kabul, aba Taliban barishe uwahoze ari umuvugizi w'umukuru w'igihugu Ashraf Ghani baca bakora n'igitero ca bombe ku muhana w'umushikiranganji mfatakibanza wo kwivuna abansi.
Aba Taliban kandi mu misi ya vuba iheze barigaruriye imihora ikomeye ijana mu bihugu bibanyi.
Uwu muhari w'abarwanyi biyitirira idini rya Islam warugaye umupaka iki gihugu gihana na Pakistan, amasanamu akerekana abanya Afghanistan babuze iyo baja n'iyo bava bazibiriwe ku ruhande rwa Pakistani, badashobora gusubira mu miryango yabo.
Umugabo umwe muri bo, mu gihe yariko agerageza kuraba ingene yosubira muhira, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Twari twaje hano [muri Pakistan] ku maziko, haraheze imisi itatu. Ubu umupaka urugaye. Turacari hano. Nta n'imfungurwa canke amahera dufise".
Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza vyasavye abanyagihugu bavyo kuva muri ico gihugu kubera umutekano ugenda uba nabi.










