Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
China igabisha UK ku gico cayo c'ubwato bw'intambara ivuga ko buriko buravogera ico gihugu ca Asia
- Umwanditsi, Na Frank Gardner
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bijanye n'umutekano
- Yatangajwe
Ubushinwa buragabisha umurwi w'amato w'intambara y'Ubwongereza (Carrier Strike Group), aherekejwe n'ubwato bw'intambara HMS Queen Elizabeth, ko atohirahira ngo akore "ibikorwa bitabereye" mu gihe yinjiye mu nyanja y'Ubushinwa (Mer de Chine méridionale/ South China Sea) isanzwe iri mu mpari.
"Igisirikare c'Ubushinwa kirwanira mu mazi, People's Liberation Army Navy kirameze magabo", nk'uko bivugwa na Global Times, ikinyamakuru co mu Bushinwa cegamiye reta, gisanzwe gifatwa nk'umuvugizi w'umugambwe Chinese Communist Party (CCP) urongoye ico gihugu.
Ubushinwa bubandanya bukurikiranira hagufi aya mato y'intambara Carrier Strike Group, ubu ariko arajabuka inyanja y'Ubushinwa atera aja mu Buyapani, bukagiriza Ubwongereza ko "bucitwara nk'uko bukiri mu gihe c'ubukoloni".
Igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu mazi, Royal Navy, kimaze igihe gikora imyimenyerezo kiri kumwe n'igisirikare kirwanira mu mazi ca Singapour, umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi akaba adahisha umugambi wo gukorera imyimenyerezo yise "Freedom of Navigation" muri iyi nyanja y'Ubushinwa.
Ubushinwa bubandanya buvuga ko iki gice c'inyanja ari igice cabwo, ibiteye kubiri n'ingingo ya sentare mpuzamakungu yo mu 2016, bukaba bubandanya bwubakamwo ibigwa n'amabarabara, bimwe bikubakwa hafi y'uturere tw'inyanja twegukira ibihugu bibanyi.
Amato y'intambara ya Amerika n'ayo Ubwongereza aherutse gusotora Ubushinwa kubera ivyo buvuga ko iyi nyanja ibwegukira, mu kuyicamwo n'ibigirankana.
Rero ikibazo kihari ni iki: hazohava haba ibisa n'ugukozanyako bisa n'ivyabaye mu Nyanja yirabura (Mer Noire/Black Sea) mu kwa gatandatu igihe ubwato bw'Ubwongereza HMS Defender bwavyongwa n'indege z'intambara z'Uburusiya igihe bwaca hafi y'ikigwa giteye ibibazo ca Crimée/Crimea?
Veerle Nouwens, umwe mu bashakashatsi bakuru mu kigo c'ubushakashatsi mu Bwongereza, Royal United Services Insitute (Rusi), agira ati: "Ubushinwa ntibushaka guhangana mu buryo bweruye n'incuti ikomeye ya Amerika mu nyanja y'Ubushinwa. Ariko uko vyogenda kwose, buzotegerezwa kwerekana imigambi yabwo".
Mu gihe Ubwongereza bwokora imyimenyerezo ya gisirikare muri iyo nyanja, umupfasoni Nouwens abona ko dushobora kubona ivyabaye mu 2018 bisubira, igihe ubwato HMS Albion bwaca muri iyo nyanja. Bwarasugerejwe cane n'ubwato bw'intambara bw'Ubushinwa gushika ku metero 200, bubugabisha ko bwohava, mu gihe indege y'intambara y'Ubushinwa yariko igendera hafi cane hejuru y'ubu bwato bw'Ubwongereza.
Ubushinwa buriko bukorera imyimenyerezo ikomeye muri ako karere muri ino ndwi, bwimenyereza kurwanira ku mweha, ivyateye ubwoba bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi babona ko buriko bwitegurira gutera Taiwan.
Igisirikare c'Ubushinwa kirwanira mu mazi kizofatira kuri ubu bwato bw'intambara bw'Ubwongereza mu mazi y'inyanja y'Ubushinwa "nk'akaryo ko kwimenyereza no kwiga neza ibijanye n'ubu bwato bw'intambara bwa none bw'Ubwongereza ", nk'uko ikinyamakuru Global Times kibivuga.
Ariko, n'aho umuzo w'ubu bwato bw'intambara bw'Ubwongereza watumye Pekin/Beijing ishikiriza amajambo y'uburakari, umushakashatsi akorana na Rusi idharth Kaushal, avuga ko iyo bishitse hakaba icuka kibi mu bijanye n'ibikorwa vya gisirikare mu nyanja, "Ubushinwa bwibanda ku bikorwa bisanzwe bidashobora gutuma ibintu biyangara ngo habe ukurasana".
Irungikwa ry'ubwato HMS Queen Elizabeth hamwe n'ubundi bubuherekeje mu buseruko bwa Aziya rifatwa nk'igikorwa ca reta y'Ubwongereza co kwongereza uruhara rwabwo mu bijanye n'umutekano kw'isi, nk'uko biri mu nteguro nshasha ya reta y'Ubwongereza mu bijanye na poritike mpuzamakungu, y'umutekano, kwivuna abansi n'iterambere.
Ubufaransa, co kimwe n'ibindi bihugu vy'Ubulayi, bimaze imisi bihanze amaso iyi nyanja y'Ubushinwa mu gihe Ubushinwa buriko bwongereza inguvu za gisirikare n'ubutunzi ku muvuduko udashobora guhagarikwa.
Ubushinwa buherutse gutangura umugambi wo kwongereza ibisasu vy'ubumara, mu kwubaka ikigo gishasha kizokwubakwamwo ibigega (silos) vy'ibisasu vy'ubumara mu karere ka Xinjiang kari mu misozi.
Bumaze kandi igihe bukora misire zinyaruka cane zishobora gusumba umuvuduko w'ijwi kugera ku ncuro umunani , ziwe "ruhonyanganda".