Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Espérance Mukashema uzwi kuri Radio Ubumwe yapfuye azize uburwayi mu Buholande
Umupfasoni Espérance Mukashema asanzwe azwi mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda yapfuye azize indwara aho yari yarahungiye mu Buholande.
Uyu mupfasoni ari mu barokotse Jenoside yo mu Rwanda yari umwe mu basaba ko Abanyarwanda bose bumva ko bakozweko n'iyo Jenoside.
Espérance Mukashema n'umugabo wiwe bompi bari abatutsi. Umugabo wiwe wa mbere yishwe n'abahutu b'intagondwa, avuga ko umuhungu wiwe nawe yishwe n'abasirikare ba FPR/RPF b'ico gihe.
Mukashema asize yanditse agatabo yise "Bishe Umumalayika", karimwo igishingantahe c'ivyabaye muri ubwo bwicanyi bw'agahomerabunwa mu mwaka wa 1994 mu Rwanda.
Muri ako gatabo, avuga ingene imfura yiwe yari ifise imyaka umunani yishwe n'abasirikare avuga ko bari aba FPR.
Ati: "Bishe umumalayika, ni ukuvuga ngo bishe umwana yari ataramenya ubwenge, wicaye ku bibero vya Musenyeri Gasabwoya, abasirikare b'inkotanyi bari bayobowe na Fred Ibingira, baraza bamurasa mu mugongo, acikamo kabiri".
"Kuba umumalayika rero, ntabwo yabonye ko ari abagizi ba nabi, ntabwo yari azi ivy'ari vyo. Ni ukwica umuntu utabarwanya, utazi ikibi n'iciza, ari umwana mutoyi".
Umupfasoni Mukashema yasaba Abanyarwanda kwiyubaka, bakirinda inzika n'inzangano.
Avuga mu gihe co kwibuka umwana wiwe, yagize ati: "Ibibazo vyabaye iwacu vyabaye kuri buri Munyarwanda wese, Umunyarwanda wese afite ibikomere, yarakomeretse, Umunyarwanda wese yarababaye.
"Icabivura ni uko twese twafatana mu mugongo, tukabona ko ikibazo atari icumwe, ariko ko ari ica twese nk'Abanyarwanda".
Mukashema yumvikanaga anenga ubutegetsi bw'u Rwanda kuri radio ikorera ku rubuga ngurukanabumenyi yitwa Ubumwe.
Yagiye ifatwa ko ari iy'urunani MRCD-Ubumwe rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi mu Rwanda yose ikorera mu mahanga, ruvugwa mu rubanza rwa Paul Rusesabagina n'abandi bantu 20 rubandanya mu Rwanda.