Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Haiti: Imigumuko niyo yaranze ishingurwa rya Jovenel Moïse aherutse kugandagurwa
Urusaku rw'amasasu rwahagaritse gato ibikorwa vyo gushingura wa mukuru w'igihugu wa Haiti aherutse kugandagurwa, Jovenel Moïse, yishwe n'abamuteye ku muhana iwe, haraciye indwi zibiri.
Intumwa za Amerika n'izo ibindi bihugu zaciye zihava ayo masasu atanguye mu gihe ibirori vyariko birabandanya.
Hari imyiyerekano aho abari muri yo bagiriza bamwe mu bari muri ivyo birori ko ari bo bishe umukuru w'igihugu cabo.
Abategetsi bagiriza abacangero ko ari bo bamwishe, ariko hari ibibazo bicibazwa gushika ubu bitararonkerwa inyishu.
Umupfakazi asizwe na nyakwigendera Moise, Martine yari yakomerekeye muri ico gitero aca ajanwa kuvurirwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na we nyene niho yari ari, ari kumwe na batatu mu bana biwe.
Ati: "Ni murondere ubutungane. Ntidushaka kwihora, dushaka ubutungane", nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ariko ibi birori vyo kumushingura vyahuye n'imigumuko imaze igihe muri Haiti.
Abari mu myiyerekano batanye mu mitwe n'igiporisi hanze y'aho bariko bashingura Perezida Moise, abari muri ivyo birori bakaba bashikiriwe n'ivyuka bikoroza amosozi, ariko bikaboneka ko ata n'umwe yahakomerekeye.
Bamwe mu bategetsi bataweko ishavu ry'abari mu myiyerekano, aho mbere n'umukuru w'igiporisi Leon Charles yagirijwe ko ari "umwicanyi".
Igiporisi ca Haiti cagiriza umurwi w'abantu 26 b'abanya Colombia hamwe n'abanyamerika babiri bafise amamuko muri Haiti, ko ari bo bakoze ubu bwicanyi. N'imiburiburi 20 muri bo barapfunzwe, batatu bakaba barishwe nayo abandi batanu bakaba bagihigwa.
Moïse w'imyaka 53 yari umukuru w'igihugu ca Haiti, igihugu ca mbere gikenye ku mugabane wa Amerika, kuva mu 2017. Igihe cose yamaze ku butegetsi ntiyorohewe kubera ubutegetsi bwiwe bwagirijwe igiturire, mbere mu ntango z'uno mwaka hakaba harabaye n'imyiyerekano yo kumwiyamiriza.
Mu ntango z'ino ndwi, umushikiranganji wa mbere mushasha, Ariel Henry, yararahijwe inyuma y'impari zamuhuje n'umukeba wiwe.
Atera akamo abanyagihugu kubana mu bumwe, akavuga ko agiye gushinga reta mfatakibanza gushika habaye amatora ategekanijwe mu kw'icenda.