China: Benshi bahitanywe n'umwuzurira wateye ibarabara ryo mu kuzimu rya gari ya moshi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Abantu gushika ubu 12 bapfiriye mu mwuzurira wateye ibarabara ry'indarayi ryo mu kuzimu mu Bushinwa inyuma y'isegenya itari bwigere iboneka, ituma ingenzi zisanga zazibiriwe mu mazi yaguma yongerekana.

Ireresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana ingenzi zashoboye kuduza imitwe iguma ireremba hejuru y'amazi. Amazi yaboneka ariko atakubita ku mpome.

Abantu barenga 500 bashoboye kurokorwa bavanwa muri iryo barabara ry'indarayi riri mu kuzimu mu ntara ya Henan, nk'uko abategetsi babivuga.

Imvura imaze imisi igwa yononye ibitari bike bituma abantu 200.000 bavanwa mu zabo.

Hejuru naho, amabarabara yacitse inzuzi, amamodoka n'ibihomoka bitwarwa n'imikuba igenda ku muvuduko udasanzwe. Hari abantu batari bake bagenda n'amaguru vyabaye ngombwa ko batabarwa.

Ibisagara birenga cumi mu ntara ya Henan babangamiwe n'iyi myuzurira, kuri uwu wa gatatu Perezida Xi Jinping akaba yemeje ko "hari abapfuye benshi n'ibintu vyinshi vyononekaye".

Ingomero zitari nke zararengewe, abasirikare bakaba batumweko kugira ngo baje gufasha gucira inzira inzuzi zarengewe. Ingendo z'indege n'iza gari ya moshi turere tutari duke tw'intara ya Henan nazo nyene zahagaritswe.

Ku mugwa mukuru w'iyo ntara Zhengzhou, imvura yoguye mu kiringo c'umwaka wose yaguye mu misi itatu gusa.

Ejo ku wa kabiri, zimwe mu nzitiro zo kuzibira imyuzurira zararengewe hanyuma amazi aca atangura kwinjira mu kuzimu yuzura ibarabara rya gari ya moshi ryo mu kuzimu.

Abarokotse bavuga ko amazi yashoboye gutobora imiryango, agenda yuzura "kuva ku birenge ashika ku mavi gushika no mw'isozi".

Haciye hafi inususaha, umwe mu ngenzi yavuze ko vyahavuye "bigorana guhema".

Itangazo ryasohowe n'abategetsi ba reta i Zhengzhou rivuga ko bahavuye bategeka kwugara iryo barabara kugira ngo batangure kwimura abantu. Batanu bariko baravurwa ibikomere bagize mu gihe 12 bobo bahasize ubuzima.

Mu kandi karere ko muri kino gisagara co hagati mu Bushinwa, ishure ry'abana batarakwiza imyaka yo kuja kw'ishure ryatewe n'umwuzurira, biba ngombwa ko abajejwe ubutabazi babatabara.

Ibinyamakuru vya reta vyerekana amasushusho yabo bariko batwarwa mu bikapu vya plastiki.

Ariko iyi myuzurira ntiyagarukiye i Zengzhou honyene.

Abategetsi bavuga ko urugomero rw'ahitwa Luoyang rufise imetero 20 uduga rwatobotse kubera isegenya. Abasirikare barungitswe muri ako karere, bagabisha ko "uru rugomero rushobora gusenyuka umwanya n'umwanya".

Uwundi munyagihugu nawe aba mu gusagara ca Sishui avuga ko aba muri ico gisagara bazibiriwe ku bisenge vy'inzu. Yanditse ati: "Ntituzi kwoga...Ikigwati cose kiri hafi yo gutwarwa".

Iyi segenya itari imenyerewe yatanguye kugwa muri Henan kuva ku wa gatandatu, nk'uko bivugwa n'abajejwe ibirere mu Bushinwa. Abategetsi b'akarere bavuga ko iyi myuzurira "iba rimwe mu myaka 1000".

Uturere tumwe tumwe twa Zhengzhou tuvugwa ko "tubandanya guhura n'ibihuhusi bikomeye" kandi ko n'isegenya isa n'iyishobora kugabanuka ku wa kane.

Hari vyinshi vyateye isi segenya ariko ubushuhe burenze urugero bwavuye kw'ihindagurika ry'ibihe nibwo bwoba bwaratumye hagwa iyi segenya.

Umunyamakuru wa BBC mu Bushinwa, Stephen McDonell, avuga ko abahinga baburira ko iyubakwa ry'ingomero ryongereye ibibazo by'ihindagurika y'ikirere mu karere gakunze guterwa n'imyuzurira.