Euro 2020 - France 1-0 Germany: Benshi barakomeretse mu myiyerekano y'uwakoroka mu mutaka

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu batari bake bari mu bitaro aho bariko baravurwa inyuma y'aho bakomerekejwe n'umugabo yariko akora imyiyerekano agendera mu mutaka hanyuma akorokera mu kibuga, hari imbere y'urukino hagati y'Ubufaransa n'Ubudagi.
Ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru i Bulaya, UEFA, rivuga ko "abajejwe amategeko bazofata ingingo zikenewe" ku vyo ryise igikorwa "c'ugusamara kandi cateye akaga".
Imyanda yaguye mu kibuga igihe uwo mutaka wafatwa n'intsinga zifata kamera yo hejuru.
Mu kwururuka, uyu mugabo yituye hasi mu kibuga.
Yari afise umutaka wanditseko amajambo ngo "Kick out oil Greenpeace", bikaba vyabaye ngombwa ko abaganga babanza kumusuzuma imbere y'uko abajejwe umutekano bamusohora.
Ishirahamwe riharanira ibidukikije Greenpeace rivuga ko ari ryo ryatunganije iki gikorwa.
Mw'itangazo ryasohoye rikaba risaba imbabazi abo bose bakomeretse, rikavuga ko "habaye ingorane z'ubuhinga", ivyatumye uyu mugabo akorokera mu kibuga atabishaka.
Benjamin Stephan wo mw'ishirahamwe Greenpeace avuga ko intumbero yari iyo "guca hejuru" y'ikibuga hanyuma akarekura umupira w'umuco ufise ubutumwa bwo gusaba ihinguriro ry'Ubudagi rikora imodoka Volkswagen "gusiramwo inguvu igakingira ikirere".
Iri tangazo ryongerako y'uko "umutekano ari co kintu kiza imbere ya vyose mu bikorwa vya Greepeace" kandi ko rizoshigikira itohoza iryo ari ryo ryose.
Stephan ati: "Turasavye imbabazi n'umutima wacu wose ku bantu bakomeretse, turizeye ko bagiye gukira vuba. Turasavye imbabazi kandi abakinyi n'abarorerezi vyateye ubwoba". "
Mw'itangazo, UEFA ivuga ko ivyabaye ari "igikorwa kirimwo ugusamara kandi giteje akaga".
Abarongoye UEFA bavuga bati: "Iki gikorwa kitabereye - igikorwa cari gushobora kugira ingaruka zikomeye ku bantu benshi bari bahari - cakomerekeje abantu benshi bitabiriye uru rukino ubu bari mu bitaro kandi abajejwe amategeko bazofata ingingo zikenewe".
Ubufaransa bwatsinze uru rukino ku gitsindo kimwe cinjijwe na Mats Hummels w'Ubudagi yiyinjije mu gice ca mbere.









