Burundi-Kirundo: Abantu batanu barishwe mu kiringo kitarenga indwi muri iyo ntara

Yatangajwe

Mu nama yagirishije ibisata vyose bikorera mu ntara ya Kirundo, buramatari yategetse ko hashingwa amasaha y'umukwabu mu ntumbero yo gutuza ubwicanyi n'ubundi bugizi bwa nabi.

Mu ngingo zafashwe harimwo kwugara ubunywero isaha zitatu z'ijoro, isoko n'ahahagarara imodoka zunguruza abantu vyugarwa isaha cumi na zibiri, ipikipiki na zo zunguruza abantu ntizirenze isaha imwe y'ijoro.

Ingenzi zose zitegerezwa kwandikwa mu bitabo vyabigenewe, abahunguka na bo basabwa kwiyandikisha ku mitumba.

Abahora badandariza kw'ibarabara canke abatembereza ibintu mu mabarabara bahawe imisi ibiri gusa ngo bazobe bakuye meza.

Izo ngingo zose zafashwe ngo mu ntumbero yo gukumira ubwicanyi n'ubundi bugizi bwa nabi.

Mu kiringo kitarenga indwi imwe gusa, abantu batanu barishwe mu ntara ya Kirundo.

Izo ngingo kandi ngo zafashwe mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu inyuma y'ibitero vya grenade vyabereye mu gisagara ca Bujumbura hamwe n'ubwicanyi bwaheruka kubera kw'ibarabara rya Bugarama- Muramvya bwahitanye abantu abantu cumi n'umwe.

Izo ngingo ariko ntizishimwa na bose. Umwe mu bafise ubunywero yabwiye BBC ko bagiye gukora bahomba.

Agira ati:"Twahora twugurura isaha zitandatu z'umutaga tugashikana isaha zine zijoro. None ubu twugurura isaha icenda gushika isaha zitatu zijoro, kandi ikori riguma ari rya rindi. Wumva tudakorera guhomba?"

Umwe mu banyagihugu bo ngaho mu Kirundo yabwiye BBC ko ubuzima bugiye kugorana.

Ati:"Twahora dusumira kw'ibarabara ku giciro giciriritse, hanyuma vyashitse na ho tugateba gutaha twagiye mu bindi bikorwa, imanza canke mbere mu bunywero, twahora twikora ku mapikipiki kuko yakora gushika n'isaha zitanu z'ijoro. None tugiye kuba abande."

BBC yagerageje kurondera buramatari w'intara ya Kirundo kugira atubwire ido n'ido kuri izo ngingo ariko ntivyashoboka.