Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Mitima Joseph yagirizwa kwica abantu umunani yaciriwe uwo guherayo
Mitima Joseph w'imyaka 63 wo muri komine Bugabira mu buraruko bw'Uburundi yaciriwe urubanza rwo guherayo na sentare nkuru ya Kirundo ahamijwe icaha co kwica abantu umunani.
Uwo mugabo bivugwa ko ari umupfumu, yari yahagaritswe ku musi wa kane itariki 11 z'uku kwezi, aho abajejwe umutekano basaka ku muhana iwe ku mutumba Ruhehe, bahatora ubuhanga bw'abantu.
Urwo rubanza rw'ikibiriraho rwamaze imisi ibiri kuva itariki 15 gushika itariki 16 z'uku kwezi kwa gatatu.
Mitima yaburanye yemera ivyaha yagirijwe.
Uretse umunyororo wo guherayo, Mitima Joseph yaciriwe kuriha indishi y'akababaro abo yiciye abantu bamaze kumenyekana igera ku miliyoni 55 z'amafaranga y'amarundi.
Sentare nkuru ya Kirundo yaciriye kandi ibihano abagirizwa kumufasha gukora icaha, barimwo Banzira Gordien yahamijwe icaha co gufashanya kwica umugore wiwe Mukagakwaya Josepha, yaciriwe gupfungwa imyaka 20.
Nta gitigiri kanuni kizwi c'abantu bishwe n'uwo mugabo bivugwa ko ari umupfumu.
Muri urwo rubanza kandi, abandi bantu batanu bahanishijwe gupfungwa imyaka ibiri kubera gukoresha impapuro z'impimbano.
Abamaze kumenyekana ko bishwe
- Sindayigaya Nestor allias Gikona( Umusirikare) : Umuryango wiwe wasubijwe inzu iri mu Ruhehe Mitima Joseph yahora abamwo n'indishi y'akababaro y'imiliyoni 20 bazohabwa na Mitima Joseph
- Mpawenimana Stanislas: Mukibanza ca Probox yabivye inyuma yo kumwica yari ifise iparati D 2795 A, umuryango wiwe wahawe imodokari Voiture TI H 8102 A n'indishi y'akababaro y'imiliyoni 10 azotangwa na Mitima Joseph.
- Nemeyimana Hamdoun: Umuryango wiwe wasubijwe Moto yari yatwawe na Mitima Joseph ifise iparati E 8763 A, ukazohabwa n'indishi y'akababaro ya miliyoni 10 azotangwa na Mitima Joseph
- Mukagakwaya Josepha: Umuryango wiwe uzohabwa imiliyoni 10 z'indishi y'akababaro. Ayo mahera azotangwa na Mitima Joseph na Banzira Gedeon (umugabo wa Nyakwigendera)
Imiryango yabuze ababo irashima urubanza
Umupfasoni Evelyne Hazigamimana asigwa n'umusirikare Sindayigaya Nestor agira ati: "Ndashimye ko bansubije inzu yacu, ariko nari gushima cane anyeretse aho yashize umugabo wanje n'umwana wanje kuko bari kumwe bose kandi kuva ico gihe sindasubira kubakubita ijisho."
Mitima Joseph yagirijwe kandi kwica umusirikare Sindayigaya Nestor agiye kumwishuza amahera y'inzu yiwe yabamwo, yagirizwa ko kuva ico gihe yaciye ayigarurira mbere ayiyandikako.
Iyo nzu ni yo yatumye afatwa kuko umupfasoni w'uwo musirikare yitwaye muri sentare asaba gukomorerwa iyo nzu, nk'uko vyavugiwe mu rubanza rwiwe.