Football: Menya abamenyereza 10 batunze cane kw'isi mu mupira w'amaguru.

Yatangajwe

Mu gihe abamenyereza benshi batamenyekana cane ubagereranije n'abakinyi babo, abamenyereza n'agahara mu rugandanda ntibacure ku kibuga.

Abamenyereza bafise akazi ko kugerageza, ni bo bigisha abakinyi bakabashikana ku rugero rwo hejuru.

Bafise akazi ko akazi ko kwihweza abakeba, no kuraba ingene aronka intsinzi. Kugira ishike ku rugero rwo hejuru rw'umukino, imigwi yo mu rwego rwo hejuru irondera abamenyereza beza.

Ariko abo bamenyereza beza, imigwi bagiyemwo ibariha amahera menshi. Mu myaka 20 iheze, bamwe mu bamenyereza baratanguye guhembwa amahera menshi kurusha abakinyi babo.

Tutiriwe turarandira, reka turabire hamwe abamenyereza 10 batunze cane gusumba abandi kw'isi mu 2021.

10. Rafael Benítez - Buri mwaka ahembwa €13M

Rafael Benítez

Uwo mumenyereza yahoze muri Real Madrid na Livepool ari mu kibanza ca 10 ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi. Ubu amenyereza umugwi wa Dalian Proffessionnals. Akaba afise umushahara w'imiliyoni 13 z'ama Euro.

Benitez yagenywe kuba umumenyereza wa Newcastle mu 2016, aho bariko baragerageza kudakoroka mu cicaro ca kabiri.

Vyaramunaniye iruhira gukoroka, ariko yongera kuyifasha kuduga mu cicaro ca mbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza gushika mu 2019.

Rafael Benitez yamenyekanye cane igihe umugwi wiwe wa Liverpool aho yatsinda AC Milan mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabe wa Buraya mu 2005.

9. Massimiliano Allegri - Buri mwaka ahembwa €13.5M

Allegri n'umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi.

Massimiliano "Max" Allegri yakiniye Ubutaliyano, aheruka kumenyereza ari mu mugwi wa Juventus.

Allegri ari mu kibanza c'icenda. Uwo mumenyereza w'umutaliyano yatwaye ibikombe bine vwo mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano amenyereza umugwi wa Juve.

Yarashitse kandi mu nkino za nyuma kabiri kose muri iryo higanwa amenyereza Juventus nyene, ariko aratsindwa. Igihe Allegri yamenyereza uwo mugwi, yarashoboye kuronka intsinzi ku bice 70%, bikaba vyabaye ibiharuro biri hejuru cane muri kahise k'uyo mugwi.

Allegri n'umukinyi wo hagati yakiniye imigwi myinshi mu gihugu c'butaliyano. Mu gihe afise ubutunzi bwa miliyoni 13.5 z'ama euro, n'agaciro ka miliyoni 5 z'amadolari, Massimiliano Allegri ari ku rutonde rw'abamenyereza cumi beza kw'isi.

8. Fabio Cannavaro - Buri mwaka ahembwa €14m

Fabio Cannavaro n'umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi.

Cannavaro ni umukinyi wa kera w'Ubutaliyano, akaba ubu amenyereza umugwi wa Guangzhou Evergrande. Agikina, Cannavaro yari umukinyi w'inyuma mu migwi itandukanye mu Butaliyano. Ni we agifise umuhigo wo kuba umukinyi w'inyuma wenyene amaze gutwara igikombe c'inzahabu.

Mu gihe afise ubutunzi bungana na miliyoni 45, Cannavaro n'umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi. Amasezerano afise ubu atuma ahembwa miliyoni 12 z'ama euro buri mwaka. Umugwi amenyereza warashoboye gutwara ibikombe vyo mu Bushinwa FA 2018 hamwe n'ico ihiganwa ryo muri ico gihugu 2019.

7. Ernesto Valverde - Buri mwaka ahembwa €19M

Ernesto Valverde

Ernesto Valverde Tejedor yahoze akinira umugwi nserukiragihugu wa Espagne mu kibanza c'imbere, ubu akaba ari umumenyereza.

Nk'umukinyi, Valverde yinjije ibitego 68 mu nkino 264 mw'ihiganwa ryo muri Espagne. Inyuma yo gusezera gukina, yabandanije akazi katoroshe k'ubumenyereza.

Ernesto yatwaye ibikombe bibiri vy'amahiganwa y'ibihugu, Olympiacos 2008-09 na 2011-12 na Barcelone 2017-18. Valverde yirukanywe muri uyu mugwi uyu mwaka inyuma yo gutsindwa na Bayern Munich ibitego 8-2.

6. Zinedine Zidane -Buri mwaka ahembwa€23M

Zidane n'umwe mu bamenyereza 10 batunze cane kw'isi. Uwo mugabo azwi ku ritazirano Zizou, yahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa.

Nk'umumenyereza yahora ahembwa imiliyoni 23 ku mwaka, akaba afise ubutunzi bungana n'imiliyoni 62 z'ama euro, ubutunzi butuma aba ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi.

Ni we yahora amenyereza umugwi wa Real Madrid gushika ubu vuba aho atangiye imihoho. Uwo yahoze ari umukinyi wo hagati ari mu bakinyi bake batwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya nk'umukinyi n'umumenyereza.

Ni we kandi afise umuhigo wo gutsindira ibikombe bitatu vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya nk'umumenyereza.

5. José Mourinho - Buri mwaka ahembwa €23M

Jose Mourinho n'umwe mu bamenyereza beza kw'isi batunze.

José Mário dos Santos Mourinho Félix ni umunye Portugal yahora amenyereza umugwi wa Tottenham Hotspurs.

Azwi nk'umumenyereza rurangiranwa afise akazina k'ubuhizi ka 'Special One'. Inyuma yo kwirukanwa muri Manchester United mu kwezi kwa 12 mu 2018, Jose Mourinho yamaze umwaka wose ata wundi mugwi arajamwo, aho yanse kwitaba akamo k'imigwi myinshi yamurondera imbere yo kwerekeza muri Tottenham Hotspurs mu kwezi kwa 11 mu 2019.

Jose Mourinho yatahukanye intsinzi nyinshi cane, aho yatsindiye ibikombe 6 mu myaka ibiri. Uwo mumeneyereza wo muri Portugal yahembwa imiliyoni 23 z'ama euro, akaba afise ubutunzi bwose hamwe buri hagati ya miliyoni 50 -100 z'amadolari. Ubutunzi butuma aba umwe mu bamenyereza batunze cane kw'isi.

4. Jürgen Klopp - Buri mwaka ahembwa €24M

Jurgen Klopp

Jürgen Norbert Klopp n'umudagi akaba yahoze ari n'umukinyi ubu akaba amenyereza umugwi wa Liverpool.

Abonwa na benshi nk'umumenyereza wa mbere kw'isi. Akunda cane umukenyuro wa Gegenpressing, aho igihe umugwi uba utakaje umupira, wita kurutare mu kuwurondera no kuwusubirana, hagusubira inyuma kuwurindirirayo.

Jurgen Klopp yashitse ku bintu bikomeye nk'umumenyereza, aho yatwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya amenyereza Loverpool FC.

Jurgen Klopp yoba afise ubutunzi bungana imiliyoni 50 z'amadolari, ari na co gituma ari ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi.

3. Pep Guardiola - Buri mwaka ahembwa€27M

Guardiola ni we mumenyereza wa mbere atunze mu gihugu c'Ubwongereza. Josep ''pep'' Guardiola Sala wo muri Espagne, yahoze ari umukinyi, ni we ubuamenyereza umugwi wa Manchester City.

Azwi nk'umumenyereza yashitse ku bintu bikomeye cane kw'isi. Nk'umukinyi, Pep yamaze umwanya munini mu mugwi wa Barcelone. Nk'umumenyereza, Pep yatsindiye ibikombe vyinshi cane mu migwi itandukanye.

Guardiola akunda cane umukenyuro wo guhererekanya umupira, umukenyuro wo muri Espagne aho bahanahana imipira mito mito bagenda bigira imbere.

Inyuma yo gukora ibikora inka amenyereza imigwi ya Barcelone na Bayern Munich, Pep Guardiola yagenywe kumenyereza Manchester City mu 2016.

Afata umushahara w'imiliyoni 27 z'ama euro buri mwaka mk'umumenyereza wa Manchester City, akaba afise ubutunzi buri hagati y'imiliyoni 40-60 z'amadolari, bikaba ari vyo bituma aba ku rutonde rw'abamenyereza batunze cane kw'isi.

2. Antonio Conte - Buri mwaka ahembwa: €30M

Antonio Conte

Antonio Conte amenyereza mu Butaliyano akaba yanahoze ari umukinyi.

Ni we mumenyereza wa Inter Milan. Nk'umukinyi wo hagati, Conte yatanguriye gukina umupira mu mugwi wa U.S Lecce, mu nyuma aza kuba rurangiranwa ari mu mugwi wa Juventus.

Antonio Conte yaratwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza agishika mu mugwi wa Chelsea. Mu mwaka wakurikiye uwo mugwi waciye umwirukana ariko aca ahabwa akazi na Inter Milan.

Azwi cane mu gukoresha umukenyuro wa 3-5-2 igihe aba ariko aramenyereza. Yarafashije umugwi wa Inter Milan gushika mu rukono rwa nyuma rw'igikombe ca Europa League, mu mwaka wa mbere akihashika, aho uwo mugwi wiwe watsinzwe na Seville.

Conte ahembwa imiliyoni 30 z'ama euro buri mwaka, ubutunzi bwiwe bukaba bushobora kuba buri hagati y'imiliyoni 50-60 z'amadolari.

1. Diego Simeone - Buri mwaka ahembwa €40.5m

Diego Simeone ni we mumenyereza wa mbere atunze cane kw'isi.

Afata umushahara w'imiliyoni 40.5 z'ama euro buri mwaka. N'umwe kandi mu bamenyereza bahembwa amahera menshi kw'isi mu 2021.

Uwo munye Argentine yamenyereje imigwi myinshi, ariko yashitse ku bintu bikomeye ari mu mugwi wa Atletico Madrid, aho yayifasije gutwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne, igikombe citiriwe umwami, ibikombe bibiri vya Europa League, ibikombe bibiri vya UEFA Supercup araja no mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Bivugwa ko ubutunzi bwa Diego Simeone bwoba bushika ku miliyoni 130 z'amadolari nk'uko vyandikwa n'urubuga hwaniro rwa Celebrity net Worth, bigaruma rero aba ari we mumenyereza wa mbere atunze kw'isi.