DRC - Nyiragongo: Ubuzima busanzwe busa n’uburiko buragaruka i Goma ariko ubwoba ni bwinshi

Hari imigaga minini iboneka mu bibanza bitari bike inyuma ya nyamugigima yakurikiye iturika ry'ikirunga mu ndwi iheze

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Hari imigaga minini iboneka mu bibanza bitari bike inyuma ya nyamugigima yakurikiye iturika ry'ikirunga mu ndwi iheze
Yatangajwe

Inyuma y'aho ibihumbi n'ibihumbi bahungiye Goma ku wa kane kubera iturika ry'ikirunga ca Nyiragongo mu ndwi iheze, hafi igice cose c'igisagara kiragaragara.

Abanyagihugu baba mu turere cumi dufatwa ko tubangamiwe basabwe kutuvamwo, ivyatumye abantu baharurwa mu bihumbi amajana bomoka. Ariko haracariyo abo vyanse ko bahava.

Ejo ku wa gatanu, abantu basa n'uko basubiye mu buzima busanzwe - amaduka yari yuguruye, abunguruza abantu ku mapikipiki bariko barakora - ariko uravye urabona ko ibintu bitameze nk'uko vyategerezwa kumera.

Kuri bamwe mu basigaye muri ico gisagara, ubwoba buraboneka ku maso.

Utu turere cumi abantu bategetswe kuvamwo tuzwi ko turi ku butaka umwanya n'umwanya bushobora guturika.

Abasigaye i Goma baguma babanze amatwi, biteze ko umwanya n'umwanya ikirunga gishobora gusubira guturika.

Ariko ingingo yo gutegeka abanyagihugu kuva muri utwo turere ntibonwa kumwe. Bamwe, cane cane ababonye igiturika giheruka mu 2002, bibaza ko reta yarengeje urugero na rirya imitingito igenda igabanuka.

Ariko, amabarabara n'amazi atari make yuzuye imigaga. Umunyamakuru wa BBC muri DR. Congo, Emery Makumeno avuga ko vyabagoye cane kuronka ihoteri bizeye, kubera ibibanza vyinshi vyakozweko na za nyamugigima zakurikiye iturika ry'ibirunga ryo ku wa gatandatu uheze.

Ku basigaye mu gisagara, bariko bagerageza gusubira mu buzima busanzwe, mu gihe abandi nabo bahunze babandanya bibaza igihe bazosubira mu zabo.