Bhavesh Zaveri: Yagiye mu ndege itwara abantu 360 ari wenyene kuva Mumbai gushika Dubai

Indege ya Emirates

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Indege iva Mumbai ija i Dubai yagurutse ifise ingenzi imwe gusa mu gihe ifise ubushobozi bwo gutwara abantu 360.

Soma ivyashikiye Bhavesh Zaveri.

Itariki: 19 z'ukwezi kwa gatanu mu 2021

Isaha: Icumi zuzuye neza

Ingenzi: Bhavesh Zaveri

Bhavesh, asanzwe aba i Dubai, yari yagiye gutembera i Mumbai mu ndwi ya mbere y'ukwezi kwa gatanu agaruka ari umwe rudende (rukumbi) inyuma y'imisi cumi mu ndege itwara abantu 360.

Nk'uko yama, yakunda kugenda mu kibanza asanzwe yicaramwo c'abantu bifise ca "affaire" (business class).

Ariko kubera impamvu za corona, vyari vyitezwe ko iyo ndege itaza kujamwo abantu benshi, aca afata ingingo yo kugura itike yo kwicara mu kibanza c'abantu basanzwe.

Itariki 19 z'ukwezi kwa gatanu, yashitse ku kibuga c'indege mu gicugu, bariko barasaka imizigo yiwe ni ho yamenya ko ingenzi ija muri iyo ndege, ari we wenyene.

Yamaze umwanya atarabitegera, ariko mu nyuma aza kumenya ko ari ukuri.

BHAVESH JAVERI

Ahavuye isanamu, BHAVESH JAVERI

Amaze imyaka 20 aba i Dubai kandi yari amaze imyaka myinshi agira ingendo ava Mumbai aja Dubai, ariko bwabaye ubwa mbere ashikirwa n'ibintu nk'ivyo, aho yagize urugendo mu ndege ari wenyene.

Avugana na BBC ari i Dubai, yavuze ati: "Sinkunze kwifata video, ariko ubu narifashe amafoto ndifata na video muri urwo rugendo rwose nkoresheje telefone ngendanwa.

"Nshaka uru rugendo rube ntibagirwa mu buzima bwanje. Rwabaye urugendo rutari bwigere rubaho mu ndege iyo ari yo yose ya Emirates. Ntibirigera bibaho aho ingenzi igenda yonyene mu ndege ata wundi muntu arimwo. Maze kwurira iyo ndege, abakozi bose bayo baranyakiriye mu kunkomera amashi. Umudereva wayo yarasohotse ava mu kibanza atwariramwo indege aza kundamutsa. Arananteburako."

Iyo ndege Bhavesh yatashemwo yari iyo mu bwoko bwa Boeing 777.

Iyo ndege yatwaye amahera angahe?

Umuhinga muvy'indege Rajesh Handa avuga, "urugendo rw'indege kuva Mumbai gushika Dubai rutwara isaha n'igice. Urwo rugendo rushobora kuba rwatwaye itoni 25 z'igitoro giciye amahera menshi cane.

Nta no gukekeranya ko yahomvye n'amahera menshi kubera ko yahagurutse izanye umuntu umwe gusa.

Bhavesh avuga kandi ati: "Nibajije ko ku kibuga c'indege hataza kuba hari abantu benshi. Ingezi ziva mu Buhinde ubu nta burenganzira bafise bwo kuja muri Reta zunze Ubumwe z'Abarabu kubera ikiza ca corona. Abemerewe n'abafise uburenganzira (Visa) budasanzwe, abanyepolitike hamwe n'abanyagihugu ba Reta zunze Ubumwe z'Abarabu bava mu Buhinde baja Dubai.

"Iyo migwi itatu gusa y'abantu yonyene ni bo bashobora kwinjira i Dubai baje n'indege zunguruza abantu. Iyo ndege yari yagiye i Mumbai, yari kugaruka igaragara. Nari naguze tike imbere y'igihe, ni co catumye banyemerera gutaha muri iyo ndege."

BHAVESH JAVERI

Ahavuye isanamu, BHAVESH JAVERI

Bhavesh n'umugwizatunga adandaza amabuye y'agaciro, akaba arongoye ikompanyi ya StarJames Group.

Aba i Dubai n'umugore wiwe hamwe n'abana babo babiri.

Video yifashe imwerekana ari mu ndege itwara abantu 360 ari wenyene, yatanguye gukwiragizwa ku mbuga hwaniro i Mumbai n'i Dubai.

BHAVESH JAVERI

Ahavuye isanamu, BHAVESH JAVERI

Avuga ko urwo rugendo rwari rushimishije. Ku bwiwe, akaryo nkako kaboneka ku gihamana. Amahera ntashobora kugura umunezero.

"Indege nategerezwa kujamwo yahaguruka hakiri kare cane, bituma iryo joro ntarara neza. Sinipfuza kuryama igihe mba ndi mu rugendo ariko sinamenye uko bigenze, agatiro karantwara. Nshitse muhira, narateye inkuru umuryango wanje ivyanshikiye."