Ndayishimiye: ‘Karashize ingani, abakozi ba Reta bitwe abatishoboye?’

Yatangajwe

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko ibibazo Uburundi bwagiye buracamwo vyatumye igihugu gisigara inyuma mu bisata bitandukanye.

Akebura abakozi gukura amaboko mu mpuzu kugira bagwize umwimbu.

Mw'ijambo yaraye ashikirije Abarundi buca bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi, Perezida Ndayishimiye ahamagarira Abarundi kwemanga ko basamaye hanyuma bafate ingingo yo gukura amaboko mu mpuzu.

Mu gihe abakozi ba reta bari biteze ko umusi nk'uwu ari akaryo keza ko kwongerwa imishahara, Perezida Ndayishimiye avuga ko batokwitega ko bahava bongerwa agashirukabute mu gihe "n'umwenda Reta yafashe mu myaka iheze kugira ihembe abakozi utararihwa".

Perezida Ndayishimiye avuga ko gushika ubu hari abakozi bironderera kwongerezwa impembo mu gihe ataco bariko bafasha reta kugira ironke uburyo bukwiye, bakagomba ko reta isaba imfashanyo kugira ngo ibahembe.

Ati: "Uno musi urasanga umukozi wa Reta ashaka agashirukabute gakirurutse ariko we nyene abona abanyonora ikigega ca reta akihorera canke akabakingira ikibaba. Mbere hari naho usanga ari we nyene ariko aranyonora agaca asaba impembo irengeye.

"Hari abandi bareka ibidandazwa vyari gutanga amakori bigaca ku ruhande ariko ukwezi kwahera agasaba impembo. None yibaza ko iyo mpembo ica iva hehe, ko hari aho nyene?"

Perezida Ndayishimiye ntiyumva ivyo gusaba imfashanyo, kuko kubw'iwe, abakeneye imfashanyo ni abatishoboye.

Ahamagarira abarundi gutahura ko ivyo bagiye baracamwo vyatumye basamara.

Ati: "None ko umuntu wo gufashwa ari uwutishoboye, koko karashize ingani, abakozi ba Reta bitwe abatishoboye? Jewe si uko ndavyumva; sindanavyemera; ni co gituma bintera isoni gusega".

Perezida Ndayishimiye abona ko uwutakoze atari akwiye guhembwa ukwezi guheze kuko ku bw'iwe, "ni we ngumba y'ukuri kuko imana yamuhaye ubwenge n'inkomezi hanyuma abipfisha ubusa".

Avuga ko muri kino gihe igihugu kirangwamwo amahoro, agasaba Abarundi guhaguruka bakiyishura ivyo bataye, bakarangura imigambi yo kwiteza imbere.

Ati: "Twarabuze vyinshi, twarataye umwanya mwinshi kubera ububegito bwa benshi muri twebwe bwatumye tubura amahoro.

"Muri uwo mwanya twataye, ibikorwa bitakozwe ni vyinshi kandi biraturindiriye.

"Kurima, tukworora kijambere ntavyo twitaho; twarira ikija mu nda gusa, umusesekara ntiwotubajije, tukitwaza imyibutsa yataye igihe ngo ivy'ejo biraba ab'ejo.

"Guhingura itunga kama uwo wari umugani kuko biteba kwimbuka ... gutunganya aho abamukerarugendo ... vyari umugani."

"Ivyo vyose vyari akazi koduha itunga dukeneye kandi n'ubu karacaturindiriye".Atera akamo abarundi ko bova hasi bagakora kugira ngo bahamvye ibindi bihugu kuko vyovyo vyamaze kugera kure.

Ati: "Abandi barakamaze. Barubatse amabarabara, barubaka amashure, barubaka ingomero z'umuyagankuba, barubaka ivyo ba mukerarugendo bakenera, barubaka ibikoresho vy'ubuhinga ngurukanabumenyi, barubatse amahinguriro, ubu ntaco basigaje.

"Twebwe, ivyo vyose biracaturindiriye, dukure amaboko mu mpuzu dukore".