Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prince Philip: amwe mu mafoto y'ingene ibirori vyo kumushingura vyari bimeze
Umwamikazi Elizabeth II yarongoye umuryango n'igihugu cose mu kwunamira no gushingura umugabo wiwe, Samuragwa wa Edinburgh, umuganwa Philip, yashinguwe ejo ku wa gatandatu ku mugoroba.
Umwamikazi Elizabeth II yari yicaye wenyene imbere, hafi y'uruhimbi.
Isandugu yarimwo ikiziga yatanguriye urugendo ku gasengero ka George Mweranda.
Abo mu muryango w'ibwami icenda bagiye baherekeje isandugu, imbere hari umuganwakazi Anne n'umuganwa Charles , bakurikirwa n'abaganwa Edward na Andrew.
Ku murongo wa gatatu, hari Samuragwa wa Cambridge, umuganwa William, hamwe n'Umuganwa Harry bari bahagatiye muvyara wabo Peter Phillips.
Hari abanyagihugu bakeya bashoboye gushika ku kirimba ca Windsor kugira basezere uwa nyuma umuganwa Philip ariko iki kibanza carimwo agacerere kubera amategeko yo kurwanya Covid yabujije abantu benshi kuhashika.
Umuganwa Philip, Samuragwa wa Edinburgh ni we nyene yasize yitoreye ibimenyetso vyiwe vyo gushira ku ruhimbi rw'agasengero ka George Mweranda
Ibi bimenyetso - bigizwe n'imidari yahawe n'Ubwongereza hamwe n'ibihugu vya Commonwealth - vyari vyashizwe ku misego icenda. Muri vyo harimwo ivyo muri Danemark no mu Bugiriki nko kwerekana amamuko yiwe y'amavukiro nk'Umuganwa w'Ubugiriki na Danemark.